Ubutunzi

Igitoro cadugijwe igiciro mu Burundi

Iritiro y’igitoro co mu bwoko bwa essence yashizwe ku mafaranga 4450 mu gihe yahora kuri 3985 mu gisagara ca Bujumbura, iritiro y’igitoro ca mazutu yashizwe ku 4250 ikuwe ku mafaranga 3795 nayo peterori yakuwe ku mafaranga 3730 ishirwa ku 4135. Iryo tangazo ryashizwe ahabona Ibrahim Uwizeye umushikiranganji ajejwe amazi meza, amasoko ntanganguvu, ubutare n’agataka asigura ko atayindi nziri y’ugutorera inyishu ubukene bw’igitoro atari ukuduza igiciro caco akemeza ko ibiciro vy’ibitoro vyadugijwe hisunzwe inyungu z’abanyagihugu.
Peut être une image de 1 personne et barbe
Ibrahim Uwizeye Umushikiranganji ajejwe amazi meza, amasoko ntanganguvu, ubutare n’agataka.
Ingingo y’ukuduza igiciro abenegihugu bayakiriye gute?
Bamwe mu banyagihugu bo mu gisagara ca Bujumbura bavuganye ni radio Bonesha FM bemezako batakiriye neza ingingo ya Leta yo kuduza ibiciro vy’ibitoro. Bavuga ko batagiye kworoherwa mu bijanye no kwiyunguruza kuko basanzwe bafise amikoro make bagasaba reta gusubiramwo iyo ngingo ku neza y’abanyagihugu.
Olucome : des policiers suspendent momentanément un atelier sur le ’’recouvrement des fonds détournés’’
Gabriel Rufyiri arongoye OLUCOME.
Mw’ishirahamwe OLUCOME ryishinze kugwanya abarya ibitutire n’abasesagura amatungo ya reta batangazwa no kubona reta iguma iduza igiciro c’igitoro buri mwanya bataravye ubushobozi bw’abaguzi mu Burundi. Gabriel Rufyiri arongoye iryoshirahamwe akabona ko leta yarikwiye nyabuna kugabanya amatagisi ku giciro c’igitoro aho kuduza igiciro. Aya makuru tuyakesha radio Bonesha FM
Mu mugambwe Sahwanya Frodebu nahonyene babona ko iduzwa ry’igiciro c’igitoro rije gusongera isibe. Phenias Nigaba icegera c’umukuru w’uyo mugambwe abona ko iyo ngingo izotuma ibintu vyose vya nkenerwa biduga igiciro. Ahamagarira reta gukora ishira imbere inyungu z’umunyagihugu.

Related posts

SOSUMO izotanga amatoni 1500 y’isukari muri Nyakanga 2023.

Yvan Manager

Abenegihugu bo hagati mu gihugu bataguye gutwara inoti guhiduza kuma zone.

Yvan Manager

Inoti ya 10.000,5.000 yakozwe kuwa 4 Munyonyo 2108, ntizoba igikora inyuma ya 17 Ruheshi 2023.

Yvan Manager

Leave a Comment