Ubutunzi

“Abarimyi ntibihutire gutera” Umushikiranganji ajejwe uburimyi.

Mw’itangazo ryateweko umukono n’umushikiranganji Ir Sanctus Niragira, ngo bitegekanijwe ko imvura izotasura hagati y’itariki 10 na 20 z’ukwezi kwa Nyakanga 2023 mu bice vya Mugamba, Bututsi, Migwa, Imbo, Buyenzi, Bweru hamwe no mu gice ca Kirimiro. Nk’uko biri mw’itangazo ry’ubushikiranganji bw’ibidukikije, uburimyi n’ubworozi ryo kuri uyu wa 14 Nyakanga 2023, ngo abarimyi ntibakwiye kwihutira gutera kuko imvura itaranywesha neza, ko ari yo mpamvu bakwiye kubanza kurindira, maze imvura itasuye neza bakazobona gutera.
Image
Abo mu bindi bice vyose bigize Uburundi, imvura ikazoca itasura hagati y’itariki 30 Nyakanga na 10 Gitugutu nk’uko biri muri iryo tangazo.
Ikindi ngo abarimyi bomenya, n’uko iyo mvura izorwa muri ico kiringo, izoba iri ku rugero ruri hejuru ugereranije n’iyaguye mu myaka iheze. Ngo niyo mpamvu abarimyi bokwitegurira guteragira ibitegwa birinda imvura. Ikindi ngo abantu baba mu bice bikunda gushikirwa n’imyuzurira y’amazi nko mu Gatumba n’ahandi ko boza baritegurira kurwanya impanuka zoshobora kubashikira.

Related posts

BRB : Ingingo y‘ imigwi ikora nk’amabanki matomato bayitahuye nabi.

Buja Media

Reta igiye gutunganya gushasha ivyo mu kugwiza imbuto no kurima kijambere.

Yvan Manager

BRB: “Uwuzoshaka amahera mvamahanga yose yipfuza azoyaronka”.

Yvan Manager

Leave a Comment