Politike

IBIHUGU VY’AFRIKA BIKOMEZA IMIGENDERANIRE MU VY’UBUHINGA.

Ivyo vyavugiwe ku kibuga c’indege Melchior Ndadaye n’umukuru w’igihugu Varisito Ndayishimiye kuri uyu wa mbere 27/02 , aho yari aganutse avuye mu gihugu ca  Congo_Brazaville , inyuma y’inama yabereye i Kinshasa . Varisito Ndayishimiye yavuze ko ibihugu vya Afrika hageze ko biza biragenderanira mu vy’ubuhinga bikaza birarahuriranira ubumenyi.
Ivyo yabivuze afatiye ku mubonano bagiraniye na mugenziwe Dénis Sassou Ngweso arongoye Congo Brazaville, inyuma y’inama ya 22 y’abarongoye amareta n’ibihugu bigize umuryango w’ibihugu vya Afrika yo hagati mu vy’ubutunzi (CEEAC: Communauté Économique des États d’Afrique Centrale) yabereye mu gihugu ca Republika iharanira intwaro rusangi ya Congo .
Umukuru w’igihugu c’Uburundi yemeza ko igihugu cose gifise ubumenyi corahurira ibindi. “Hariho ivyo twoza turahanahako ubumenyi” ,niko yavuze.
Mu vyo bumvikanye muri iyo nama, ngo n’uko hojaho umuhora ufatanya ibihugu vyo muri uwo muryango maze imigenderanire itere imbere , uheze unafashe mu vy’ubutunzi.
Muri uko gukamisha imigenderanire, umukuru w’igihugu yavuze ko umushikiranganji w’uburimyi muri Congo Brazzaville agiye kuza mu Burundi kuganira na mugenziwe kugira arahure ubwenge gutyo ngo nabo bareke gusumira hanze kandi bafise isi imera .

Related posts

Emmanuel Macron yakiriye umumenyeshamakuru Olivier Dubois yanyurujwe haraciye hafi imyaka 2.

Yvan Manager

Ibihugu 6 vyemerewe kwinjira muri Brics 2024.

Yvan Manager

Abatari bake bakeje Angeline Ndayishimiye agiye gutwara Ishirahamwe MIPREDA.

Yvan Manager

1 comment

yvette March 5, 2023 at 3:31 pm

This is a topic that’s close to my heart… Cheers! Where are your contact
details though?

Reply

Leave a Comment