Politike

Buramatari wa Ngozi yemereye impinduka mu bijanye n’ibitoro,isukari,umuyagankuba n’amazi meza

Désiré Minani Buramatari n’intara ya Ngozi yemereye abenegihugu ko hagiye kuba ihinduka ridasanzwe kw’isukari, igitoro ndetse n’umuyagankuba atibagiye n’amazi meza ahatarashika hari mu kiganiro n’abamenyeshamakuru co kuri uyu wa 13 gitugutu Désiré Minani, buramatari mushasha wa Ngozi yarangiye ku murwa mukuru w’iyo ntara. Ivyo bidandazwa bikunze gutera ikibazo, Burumatari yemeye ko
agiye kuvyifatiye mu minwe. Agabisha abadandaza igitoro c’amagendo ko batagiye kworoherwa.
Peut être une image de 2 personnes
Désiré Minani Buramatari wa Ngozi.
Désiré Minani avuga ko ikibazo c’amazi cari giteye ikibazo muri komine ya Gashikanwa, yamenyesheje ico kibazo cavuye mu nzira, ngo kuva ku wa 11 gitugutu, Abenegihugu bariko bihereza amazi meza ata nkomanzi naho muri komine nka Busiga, Mwumba nayonyene afise ico kibazo, ngo imiringoti n’imoteri biyaduza biramaze gushika, abemerera ko mu ndwi imwe bazoba bafise amazi. Igisagara ca Ngozi naco nyene amazi akunze gutera ikibazo, intara irikumwe na Regideso bariko barakora ibishoboka vyose gutyo ico kibazo bagitorere umuti vuba.
Peut être une image de voiture et texte
Buramatari mushasha yatanze indwi imwe ko ikibazo c’umuyagankuba cibonekeza mu gisagara ca Ngozi no mu makomine ya Tangara ,Busiga kizoba catorewe umuti. Ikindi yavuzeko ni igitoro. Désiré Minani yagabishije abakidandaza kuri magendu ko batazokworoherwa maze abaha akarorero k’abaheruka gufatwa. Désiré Minani abwira abamenyeshamakuru n’amaritiro biteze kuronswa mu ntara. Amarito 22.000 y’igitoro c’ubwoko bwa mazout yarashikanywe mu gisagara ca Ngozi kuri uyu wa 13/10/2023 ku mugoroba. Ivyo bitoro bikaba biriko bidandizwa kuri “Station Kalfan” mu gisagara ca Ngozi nyene. ibitoro bikaba ari bimwe muvyemewe na Buramatari w’intara ya Ngozi Désiré Minani, abandanya agabisha abohirahira kunyegeza ibitoro abibutsa ko hariho abaciriwe urubanza mu ndwi iheze bivuye ko bafatanywe ibitoro.

Désiré Minani yagarutse kandi ku kijanye n’isukari aho yamenyesheje ko hagiyeho umurwi wagutse ukurikirana itangwa n’idandazwa ry’isukari. Uwo murwi ngo ugizwe n’abaserukira abadandaza, ubuzi n’ibiro vya buramatari. Muri ico kiganiro ca mbere inyuma yo gushikirizwa amabanga yo kurongora intara ya Ngozi , buramatari Désiré Minani yasavye abanyagihugu bo mu ntara aramutswa kuza baradoma urutoke abadandaza bakora ibinyuranye n’amategeko. Nayo abamenyeshamakuru yabemereye ko igihe cose bazokenera umuco ku bibazo bafise azobitaba.

Related posts

BURUNDI: IGISHASHA PEREZIDA YAKUYE MU RUGENDO YAHORAMWO.

Buja Media

CVR yashikirije icegeranyo c’ivyaranguwe mu kiringo c’imyaka 4 imbere y’abashingamateka n’abakenguzamateka.

Yvan Manager

“Intwaro Ibereye”: E. Ndayishimiye arikumwe mu kiganiro n’abahoze batwara igihugu c’Uburundi.

Yvan Manager

Leave a Comment