Mu ntara ya Kayanza kuruyu w’Imana kuwa 12 Gitugutu 2023, Godefroid Niyonizigiye aramutswa komine Kayanza, mustaneri mushasha inyuma gutorwa n’Inama ya komine Kayanza ngo abe Musitanteri wa komine Kayanza, yatowe ku amajwi 30 kuri 47 batoye.Godefroid Niyonizigiye yasavye inama ya komine kubandanya imushigikira kugira ngo komine iter’imbere. Komine Kayanza yari imaze amezi arenga abiri irongowe na musitanteri w’imfatakibanza. N’inyuma y’aho, ku wa 28 Myandagaro, uwahora ayirongoye ahagaritswe mu mabanga n’itegeko ry’umushikiranganji w’intwaro yo hagati. Godefroid Niyonizigiye yahora ari umuyobozi mukuru w’ihinguriro ry’icayi ryo mu Rwegura muri komine Muruta.
Abakozi ba komine nabo abasaba kuzokorana mu bumwe Kugira ngo ibikorwa vya komine bigende neza.
Godefroid Niyonizigiye akaba yahora arongoye ihiguriro y’icayi OTB Rwegura. kuruhande rw’ abanyagihugu bariruhutsa : Mu gihe uwahoze ari Musitanteri wa komine Kayanza yabogojwe n’umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu kw’igenekerezo rya 28 Myandagaro 2023, amezi arenga abiri yari aheze iyo komine itararonka uwundi ayiramutswa.
Ni mu gihe ikarata karangamuntu zibwirizwa gusinywako na Musitanteri atari uw’imfatakibaza, abenegihugu bitura ibiro vya komine Kayanza bakeneye izo karata bahora baca barungikwa kuzironderera mu zindi komine zibegereye nka Muruta, Gatara na Kabarore.
Bamwe muri abo benegihugu bamenyesha ko “vyahora bituma bafata ingendo ndende gutyo bigatuma bamara umwanya munini ata gikorwa
c’iterambere baranguye.”
Abandi bakavuga ko ivyo “vyahora bituma bakoresha amafaranga mu kwiyunguruza kandi iyaba izo karata zariko ziratangwa muri komine Kayanza batokwiriwe barakoresha ubwo buryo. Ivyo rero bikaba vyatuma basubira inyuma mw’iterambere.”
Musitanteri bishitse agakurwa, bica bigenda gute ?
Itegeko inomero 1/04 ryo ku wa 19 ruhuhuma 2020 rihindura bimwe mu bitegekanijwe n’itegeko inomero 1/33 ryo ku wa 28 munyonyo 2014 rivuga ibijanye n’itunganywa ry’intwaro mu makomine mu ngingo yaryo ya 20 rivuga ko “mu gihe ikomine itagira umusitanteri biturutse ko uwahahora yahagaritswe muri ayo mabanga kubera amakosa, inama ya komine ica itora uwundi mu misi mirongo itatu(30) ikurikira iryo hagarikwa”