Ibigezweho

Gabon:Abasirikare bakubise kudeta Ali Bongo amaze imyaka 14 kubutegetsi.

 Umukuru w’Igihugu ca Gabon Ali Bongo Odimba yahiritswe k’ubutegetsi n’umurwi w’abasirikare bakuru bavugako baserukiye abandi bafashe ubutegetsi ku nguvu bashikirije ijambo ryo gutembagaza ubutegetsi babicishije ku mboneshakure y’igihugu, n’inyuma yuko umurwi utegura amatora CGE (Centre Gabonais des élections), wavuga ko Ali Bongo Odimba yongeye gutsindira ikiringo ca 3. Uwo murwi w’abasirikare wamenyesheje yuko uhagaritse ivyayuye murayo matora vyose ndetse n’imbibe zico gihugu zirugarwa.
Mw’ijambo ryabo basirikare, bamenyesheje yuko igihugu kigiye kurongorwa na Komite y’imfatakibanza igizwe n’abo basirikare nyene, ijejwe gushiraho inzego CTRI (Comité pour la transition et la restauration des institutions). Abo basirikare bakaba kandi baciye bamenyesha ko imbibe zose zugawe kandi ko n’inzego zose zahahora zifuswe gushika hafashwe izindi ngingo. Abo basirikare bamenyesheje ko baserukiye abandi basirikare hamwe n’abajejwe umutekano bose bo mu gihugu ca Gabon. Bakaba baciye bamenyesha ko ivyavuye mu matora babitesheje agaciro. Kuruhande rwabo mu mugambwe wa Bongo bakaba bari biyamirije ivyavuye mu matora. Umurwi ujejwe gutegura amatora ukaba wari watangaje ko Ali Bongo yayatsinze ku majwi 64,27% akurikirwa na Michel Stephane Bonda yafatwa nk’uwuza kw’isonga mu bahanganye na Ali Bongo ku majwi 30,77%. Amakuru atangwa n’ikinyamakuru Reuters yemeza ko inyuma y’iryo jambo humvikanye urwamo rw’amasasu mu gisagara ca Libreville, gisanzwe ari co murwa mukuruwa Gabon.
AFP/Archives - Emmanuel DUNAND
 Umushikiranganji wa mbere w’Ubufaransa Élisabeth Borne.
 Umushikiranganji wa mbere w’Ubufaransa Élisabeth Borne yavuze ko igihugu ciwe gishishikara gukurikiranira hafi ibiriko bibera muri Gabon.Umuryango wa Ali Bongo umaze ku butegetsi murico gihugu imyaka 53, n’igihugu cahoze kiri mu bukoromi  n’Ubufaransa. Iryo hirikwa ribaye irigira umunani mu myaka itatu iheze mu bihugu vyahoze bikoronizwa n’Ubufaransa muri Afurika.
Image
Ali Bongo yahiritswe ku budegetsi n’umurwi w’abasirikare.

Ivyo Biruko mu gihe, Gabon yari yatunganije amatora kuri uyu wa 26 Myandagaro 2023, yaramaze imyaka 14 kubutegetsi. Afise imyaka 64, yageze ku butegetsi aho se wiwe Omar  Bongo yitaba Imana mu 2009.

Iryo hirikwa ry’ubutegetsi rikurikiranye n’iriheruka kuba muri Mali, Guinea, Burikina Faso, Chad, iya vuba cane hari mu kwezi kw’indwi niyo mu gihugu ca Niger.

Related posts

Tanzaniya: Ugusubiza hamwe kw’abatavuga rumwe na reta nivyo Samia Saluhu yubakiyeko.

Yvan Manager

Mukaza basabwa kwubaka bisunze itegeko rigenga gutunganya ibisagara ryo muri 2011.

Yvan Manager

Kenya:Umuririmvyi Jaguar bamugenye kuba umunyamabanga ashinzwe ivy’intwaro mu bushikiranganji bw’urwaruka n’inkino.

Yvan Manager

Leave a Comment