Inkino

Francine Niyonsaba nabo barikumwe baterereye imifuko 68, yubaka ikibuga Intwari.

Batanze imifuko 68 kuva aho bumviye ko nabo nyene bazobibuka bakabubakira umusezero wa kijambere wabagenewe kukibuga Intwari kiriko kirubakwa, ni inkuru ihejeje kumenyeshwa n’umunonotsi rurangiranwa w’umurundi Francine Niyonsaba, aho amenyesha ko ari iciyumviro cagizwe n’abanonotsi mpuzamakungu b’abarundi 16.

Francine Niyonsaba avuga ko ico ciyumviro cabajemwo igihe bumviye ko hazokwubakwa umusezero wa kijambere w’abanonotsi (Piste Synthétique) uzobafasha nabo gukora imyimenyerezo.
Francine Niyonsaba nabo barikumwe baterere imifuko 68
Nkuko ayo makuru tuyakesha urubuga Nagaciro, Francine Niyonsaba amenyesha ko bahora bakorera ikarashishi mubibuga vyumusenyi vyabababaza. Yongeye ashimira cane Féderation ya football kuri uyo mugambi mwiza, akaba atatinye no kunegura CNO ( Comité National Olympique ) kukuba itashoboye kwubaka ikibanza co kwimenyererezamwo mumugamba, akabasaba kwikubita agashi kugira ivyo biyemeje ntibiherere mumajambo.
Kuri iki gikora co gutanga isima, aba banonotsi baserukiwe na Lieutenant Gakeme Antoine hamwe na Eric Nzikwinkunda basanzwe bari mugihugu.
Abo banonotsi bose uko ari 16 ni aba bakurikira:
1.Amb. FRANCINE NIYONSABA
2. Diane Nukuri
3. Lt Antoine Gakeme
4.Sgt Olivier Irabaruta
5. THIERRY NDIKUMWENAYO
6. Éric Nzikwinkunda
7. Onesphore Nzikwinkunda
8. Rodrigue Kwizera
9.Egide Ntakarutimana
10. Lionel Nihimbazwe
11. Jean de Dieu Butoyi
12. Bukuru Jean-Marie
13. Francine Niyomukunzi
14. Yves Nimubona
15. Thérence Bizoza
16. Célestin Ndikumana

Related posts

Bumamuru na Flambeau du Centre, urukino rutari rworoshe.

Buja Media

Umwihwezo wuko ihiganwa ryaringiye muri Primus League Burundi 2022-2023.

Yvan Manager

Fofila PF: Saidi Sakina yatsinze ibitsindo 13 wenyene, yaciye he?

Buja Media

Leave a Comment