Mumahanga

Denis Mukwenge yahawe ibihumbi 64$ bamusaba kwitoza mu kibanza c’Umukuru w’Igihugu muri Kongo.

Umuganga  Denis Mukwenge yahawe ibihumbi 64 vy’amadorare nk’ingwati kugira yitoze mu kibanza c’Umukuru w’Igihugu mu matora azoba igenekerezo rya 20 Kigarama uyu mwaka nkuko amashirahamwe adaharanira inyungu za poritike muri kongo asaba Denis Mukwenge guhinganigwa ico kibanza.Ibahasha bemeye kuzoyimuha mu mpera yo gutanga intonde zo kwiyandikisha murico kibanza.

Abanywanyi b’amashirahamwe adaharanira inyungu za politike barenga 1000, baragiye ahakorera Fondation Panzi mu gisagara ca Bukavu, mu buseruko bwa Kongo, kumuha ayo mafaranga asabwa kugira ashobore kwitoza mu mabanga y’umukuru w’igihugu. Denis Mukwege, afise imyaka 68, yatsindiye agashimwe kitiriwe Nobel kubera ivyo yakoze mu gufasha abapfasoni bafashwe ku nguvu, ntaremeza niba azokwitoza muri ayo matora.

Sud-Kivu : Appel patriotique lance la campagne de collecte de fonds par les femmes « 1 dollars pour la caution du Prix Nobel 2018 » à la présidentielle 2023 - Kivu-AvenirDelphine Namuto Umuhuzabikorwa mu mugambwe Appel Patriotique: ” Muganga,abenegihugu barabasaba kandi kubera barushe n’ibiriko biraba, babasavye babubashe cane gose kandi ku mugaragaro bitwaje ibahasha ryo kubafasha nk’ingwati imbere yanyu mubaherekeza kugita kongo igire intwaro nziza mu burongozi bwayo. Ni ikimenyetso cuko abenegihugu ba Kongo bavuye mu mihingo itandukanye ndetse n’ababa mu bindi bihugu bafashanije kwegeranyo iyo ngwati kugira bikunde.”

Dogiteri Denis Mukwege, yatewe iteka mu guhabwa agashimwe k’amahoro, kitiriwe Nobel, mu mwaka w’i 2018. Yatangaje ko abamushigikiye bamuhaye ibihumbi 64 vy’amadorari yo kumufasha guhiganwa mu matora y’umukuru w’igihugu azoba muri Kongo kw’itariki 20 y’ukwezi kw’icumi na kabiri kw’uyu mwaka.

Related posts

RDC: M23 wemeye guhagarika intambara..

Yvan Manager

Zelensky : ‘’Ntibashobora gufata igisagara Bakhmut tugihari’’.

Yvan Manager

Moise Katumbi agiye kwitoza nk’uwuserukira iyindi migambwe yabatavuga rumwe n’ubutegetsi.

Yvan Manager

Leave a Comment