Politike

CVR yashikirije icegeranyo c’ivyaranguwe mu kiringo c’imyaka 4 imbere y’abashingamateka n’abakenguzamateka.

“Ukuri kurababaza kandi kuraremera, vyongeye ukuri ni umuti urura ariko abarundi babwirizwa kuwunywa kugira bakire gutyo amabi ashingiye ku bwicanyi yakozwe mu Burundi ntazosubire kwibonekeza, kanatsinda uwuja gukira indwara arayirata”. Ivyo vyashikirijwe ku musi wa mbere, igenekerezo rya 18 Nyakanga 2023 n’umukuru w’umurwi ujejwe ukuri no kunywanisha abarundi (CVR), Pierre Claver Ndayicariye aho yariko ashikiriza imbere y’Inama Nshingamateka na Nkenguzamateka zikoranye icegeranyo c’ibikorwa vyaranguwe n’uwo murwi arongoye mu kiringo c’imyaka ine, kuva mu mwaka wa 2018 gushika mu mwaka wa 2022.
Nkuko iyi nkuru tuyikesha ibiro vyokumenyesha amakuru mu nama nshingsmsteka, ivyo bikorwa bikaba vyerekeye amabi n’ubwicanyi bw’agahomerabunwa vyakozwe kuva muri Ruhuhuma 1885 k’umuzo w’abakoroni gushika kuri Repubirika ya mbere yatwarwa n’Umukuru w’igihugu Michel Micombero, aho mu kiringo co mu mwaka wa 1972-1973 habaye ihonyabwoko ry’abahutu.
Ico cegeranyo cashikirijwe kirerekana ko abakoroni aribo bazanye indyane z’amoko zahavuye zishika ku bwicanyi butagira izina bwakozwe n’ubutegetsi bwari buhari muri ivyo biringo vyavuzwe. Ivyo bigashimangirwa mw’ireresi yashizwe ahabona n’uwo murwi, aho abo bakoroni bapima amazuru beneburundi kugira babacemwo imirwi : abahutu, abatutsi, abatwa ; ko abatutsi aribo babereye gutwara, abahutu nabo bagacinyizwa. Inyuma yaho hakaba ihonyabwoko ry’abahutu, harapfa n’izindi nzirakarengane.
Umukuru w’umurwi arashikiriza neza ko habaye urubanza kw’igenekerezo rya 28 ndamukiza muri uyu mwaka wa 2023 rukuraho izina ‘‘abamenja’’ ku babonye amakuba mu mwaka wa 1972.
ImageAha asigura neza ko ata manza zigeze ziba ico bita jugements du 6 mai 1972 mu rurimi rw’igifaransa nk’uko vyavurwa ico gihe, agasigura ko izo manza zitwa ko zakorwa n’ubucamanza bwa gisirikare (conseil de guerre) rwari uruhendo zitigeze zibaho, ahubwo yari amayeri yo kugira bice abantu, hagize abanyamahanga bobaza impavu vyabaye vyitwe ko hishwe abantu bafise ivyo bagirizwa ariko atari ukuri na mba.
Ku vyagiye birashikirizwa vyose n’Abashingamateka n’Abakenguzamateka, Umukuru w’Inama Nshingamateka na n’Umukuru w’Inama Nkenguzamateka basavye ko ivyakozwe mu Burundi bitosubira ahubwo igikuru ari ugusaba no gutanga imbabazi ku vyabaye vyose, kugira Uburundi bukire, abantu baruhuke mu mitima. Aha barasaba abari hanze y’igihugu bagirwa n’amabi bakoze kuza mu gihugu basabe imbabazi. Basavye kandi ko itegeko rigenga umurwi CVR ryosubirwamwo kugira uwo murwi ushikire amabanga yo gusubiza abanyazwe ivyabo kuko n’ubwo umuntu yotanga ikigongwe k’uwamunyaze, ataramusubiza utwiwe nawe ntatekana.

Related posts

E. Ndayishimiye yahaye umubonano Umunyamabanga Mukuru wa ONU imbere yuko inama igira 11 itangura.

Yvan Manager

Abatari bake bakeje Angeline Ndayishimiye agiye gutwara Ishirahamwe MIPREDA.

Yvan Manager

Igihugu ca Somalie cemerewe kwinjira mu muryango wa EAC.

Yvan Manager

Leave a Comment