Mumahanga

Uburusiya bwemeje ko Prigozhin yapfuye n’isanganya y’indege.

Igihugu c’ Uburusiya kiremeza babicishije kubategetsi babo yuko umukuru w’igisirikare c’abacangero  b’Abarusiya Yevgeny Prigozhin yemeje ko yahitanywe n’isanganya y’indege ryabaye kuwa gatatu w’indwi iheze nkuko basanze ibiziga vyabari muriyo ndege bihuye n’amazina yabari ku rutonde muriyo ndege bafise nkuko akanama k’iperereza k’Uburusiya (SK) kabishikirije ahabona.

Ibisigarira vyiyo ndege imaze kugira isanganya.

Yevgeny Prigozhin, yarafise imyaka 62, yitavye Imana amaja haruguru y’iburengerazuba bw’umurwa mukuru wa Moscou hari igenekerezo rya 23 Myandagaro ihitana abantu 10 bose barimwo nkuko ikinyamakuru co murico gihugu kibivuga. Kurahande rw’ibiro vy’Umukuru w’Igihugu w’Uburusiya Kremlin baramirira kure yuko ataruhara rubifisemwo kuriyo nsanganya yiyo ndege.

Abategetsi bo muri Amerika bavuze mu kinyamakuru CBS ko bishoboka cane ko icateye isanganya ry’indege ari ikintu coba caraturitse kiri mu ndege, ndetse ubushikiranganji bw’igisirikare c’ Amerika bwavuze ko bishoboka ko Prigozhin yishwe.

Kremlin spokesman Dmitry Peskov attends a news conference in Moscow
Dmitry Peskov avugira ibiro vy’Umukuru w’Igihugu Kremlin.

Ku wa gatanu mundwi iheze,  Dmitry Peskiv umuvugizi wa Kremlin yavuze ko ibihuha vyuko hari ubugizi bwa nabi bwabayeho ari “ikinyoma cambaye ubusa”.

Related posts

Sénégal – Égypte: Uguhangana kwa Salah na Mané ninde azagushika muri finale ya CAN2025?

Buja Media

Kenya: Abantu 35 bashizwe ahabona bakekwa gukorana n’imirwi y’iterabwoba.

Buja Media

Joe Biden yagiye muri Israel haturika igisasu gihitana abashika 500.

Buja Media

Leave a Comment