Mumahanga

Umwami w’Ubwongereza yemanze amabi bakoreye Kenya mugihe c’ubukoroni.

Kuruyu wa mbere, Umwami w’Ubwongereza, Charles III arikumwe n’umwamikazi wiwe Camilla bashitse mu gihugu ca Kenya mu rugendo rwiwe rwa mbere ashikiriye ayo mabanga muri ico gihugu kiri mw’ishirahamwe Commonwealth rigizwe n’ibihugu bivuga ururimi rw’icongereza. Umwami Charles III w’Ubwongereza yemanze “ibikorwa vy’ubukozi bw’ikibi bw’agahomerabunwa kandi bidafise insiguro vyakorewe Abakenya” mu rugamba rwabo rwo kurondera intahe yo kwikukira.

Umwami w’Ubwongereza Charles III arikumwe na William Ruto Umukuru w’Igihugu ca Kenya

Mu kwishura kw’ijambo ryiwe, Perezida William Ruto wa Kenya yashimagije ubutwari bw’Umwami bwo gushobora kwemanga “uku kuri kutaryoheye ugutwi”.Umukuru w’igihugu ca Kenya yabwiye Umwami ko intwaro ya gikoloni yabaye “iy’agahotoro n’ubugome ku Banyafrika” kandi ko “hari vyinshi bitegerezwa gukorwa kugira ngo haboneke indishi nyayo”.Umwami Charles III yagendeye imva y’umurwanyi yaguye ku rugamba, atamenyekanye mu kibanza citiriwe Uhuru. Iri ni ijambo ry’igiswahili rivuga “ubwigenge”.

Umwami yagendeye inzu ndangamurage werekana "amabi y'ubukoloni"
Umwami yagendeye inzu irimwo amateka yerekana “amabi abakoloni bakoze”.

Ariko n’ubwo Umwami atasavye imbabazi, ijambo ryiwe yavugiye kuri State House (ibiro vy’umukuru w’igihugu ca Kenya) ryabaye ikintu gikomeye co kwemanga ku mugaragaro amakosa yakozwe mu gihe c’ubukoloni.

Urugendo rw’Umwami Charles III n’Umwamikazi Camilla rubaye mu gihe Kenya iriko ihimbaza imyaka 60 irangiye, ishikiye intahe yo kwikukira, Umwami yabwiye abo bari kumwe ati: “Ni ikintu c’ingirakamaro kuri jewe kurondera gutahura aya makosa, kandi ko mbonana n’abo yagizeko ingaruka zikomeye ku buzima bwabo n’ikibano”

Mwomenya yuko igihugu ca Kenya n’Ubwongereza bifitaniye imigeraniranire myiza. Yamara rimwe na rimwe iyo migenderanire yarabayemwo ibibazo kubera urugamba Kenya yamazemwo igihe kirekire rwo kwikurako intwaro ya gikoloni y’Ubwongereza. Abanyakenya ibihumbi n’ibihumbi barasize ubuzima muri urwo rugamba.

Related posts

Niger: Pasiporo 990 z’abategetsi batandukanye zateshejwe agaciro.

Yvan Manager

Yevgeny Prigozhin yoba yitavye Imana?

Yvan Manager

Congo: Abantu 31 barapfuye,145 barakomereka mu misunikano bashaka kwiyandikisha mu gisirikare.

Yvan Manager

Leave a Comment