IbigezwehoInkino

Rally: Prime Uwikunda na Prince Basabose batahukanye ihiganwa ”Boucles de l’Imbo”.

Mw’ihiganwa ryo mu kiyaya c’ Imbo bise (boucle de l’Imbo) ryabereye mu ntara ya Bubanza muri komine Gihanga hamwe n’ agace bita Gihungwe, Prime Uwikunda na Musafili Charly batahukanye ikibanza ca mbere mu gisata ca 4 roues motrices bo mu murwi Rise and Shine Rally Team. Basabose Prince afadikanije na Maceri Dias batwaye ikibanza ca mbere mu gisata ca 2 roues motrices bo mu murwi Autopaints Savonor Rally Team. Muriryo higanwa habonetse imirwi 11 muri 15 yari yiyandikishije muriryo higanwa ritagurira umwaka.

Désiré Aimable Uwamahoro na mugenzi wiwe barahawe agashimwe.

Baratanze ubushimwe kubatwaye ihiganwa umwaka uheze Aimable Désiré Uwamahoro baramuhaye agashimye nk’uwabaye uwa mbere mw’ihiganwa ry’umwaka uheze barikumwe na Maceri Dias basubira kumuha agashimwe k’uwuri mu kibanza ca 2 arikumwe Yunus Mohamed bari mu murwi Autopaints Rally Team bakoresheje ubwoko bw’umuduga bita Subaru Impreza, mu gihe uwabaye uwa gatatu ari Awandinn Ilias barikumwe na Enock Bibonimana ariko Awandinn Ilias yaramaze imyaka itatu adahiganwa.

Mu gisata ca 2 roues motrices , uwa mbere yabaye Basabose Prince afadikanije na Maceri Dias muri Autopaints Savonor Rallye Team bakoresheje ubwoko bw’umuduga bita Subaru Impreza, baca bakurikirwa na Remezo Christian n’ umukenyezi Line Curie Muco ba Loveco Tour Rallye team bakoresheje Toyota Celica, hama aba gatatu babaye Awand Radju w’imyaka 67 na Remezo Steeven Jonathan w’imyaka 21 akaba umwana wa Remezo.

Umwe mubari ngaho nk’ umurororezi yarabwiye Buja Fm yuko izo nkino zorwizwa cane kugira abana bo hagati mu gihugu na bonyene bashobore kuzozihurumbira kuko benshi bazikina nabo mu bisagara bimaze gutera imbere. Line Curie umwe mu bakenyezi babonetse muriryo higanwa yahanuye abakobwa boba bakunda uwo mukino ko bokubahuka bakawuhurumbira kubwinshi kubera baharura ko atabahari ugereranije n’abagabo, kuri we ngo uwo mukino yataguye kuwukunda akiri muto cane bituma uyu musi nawe ahiganwa n’ abagabo nivyo vyamutumye atahana ikibanza ca 3.

Adon Negamiye yararogoye iryo higanwa Boucle de l’Imbo.

Kuruhande rwa Adon Negamiye yararogoye iryo higanwa arashima urwego rwiza abatwara imiduga mu Burundi bagezeko ugereranije nabo muri Afrika na cane cane yarashimiye abitavye iryo higanwa. Akamenyesha ko imyiteguro bayigejeje kure mu nteguro kandi kizo higanwa zose ziri mu rukurikirane rwo kwitegurira ihiganwa ryo kurwego rwa Afrika rizobera mu Burundi mukwezi kwa Myandagaro .

 

 

 

 

 

 

 

 

 

Related posts

PSG, ibandanya yitwara nabi muri Ligue des champions.

Yvan Manager

Ihiganwa mpuzamakungu yo gusiganwa n’imiduga mu ntara ya Ngozi.

Yvan Manager

Ligue des champions: Urukino atanumwe rwafashije, Real Madrid-Manchester City (1-1).

Yvan Manager

Leave a Comment