Indero

“Concours National 2023”: Karusi niya mbere mu kumeyesha kubice 99,43.

Intara ya Karusi yabaye iya mbere k’urugero rwo kumenyesha rw’ibice 99,43% mu kibazo ca reta giha uburengazira kugira umunyeshure ashobore kubandanya n’inyigisho z’inyuma y’ishure nshingiro aho igisagara ca Bujumbura kiri mu kibanza ca nyuma muri ico kibazo uno mwaka, aho camenyesheje ku bice 74,94%. Vyashikirijwe n’umushikiranganji Prof. François Havyarimana muvyo ajejwe harimwo indero kuwa 31 Myandagaro 2023 aho yariko ashikiriza amanota bafatiyeko.
Concours National, édition 2023 : Plus de 75000 candidats attendus -  Burundi Eco
Abanyeshure bariko barakora ico kibazo uyu mwaka 2023.

Murico kibazo abanyeshure bakoze bose ni 73824, abashika 10512 barananiwe. K’urugezo rw’ibice 85,76 kw’ijana nibo batoye ico kibazo. Abanyeshure 21678 bafise amanota angana canke arenga ku bice 50 kw’ijana.

 

Uko intara zikurikirana uko batoye ico kibazo:

1/ Karusi: 99,43%

2/ Ruyigi: 96,69%

3/ Makamba: 95,75%

4/ Muyinga: 94,14%

5/ Cankuzo: 93,98%

6/ Kayanza: 92,60%

7/ Kirundo: 91,74%

8/ Ngozi: 89,95%

9/ Muramvya: 88,95%

10/ Bubanza: 88,10 %

11/  Mwaro: 88,05 %

12/Gitega: 87,53%

13/ Cibitoke: 87,89%

14/ Rutana: 83,33 %

15/ Bujumbura: 81,86%

16/ Bururi: 78,78%

17/  Rumonge: 75,09%

18/ Mairie Buja: 74,94 %

 

Related posts

Ikibazo ca Reta cakozwe n’abanyeshure barenga ibihumbi 50.

Yvan Manager

Gitega: Ntamunyeshure agisubira guheba ishure.

Yvan Manager

“Concours National 2023”: Amanota yagiye ahabona.

Yvan Manager

Leave a Comment