Indero

“Concours National 2023”: Amanota yagiye ahabona.

Ubushikiranganji muvyo bujejwe harimwo indero kuri uyu wa kane bwatanze ikiganiro kubamenyeshamakuru bushira ahabona amanota kubanyeshure bemerewe kuja mu gice canyuma c’ ishure shingiro ategerezwa kuba afise amanota agera ku bice 34 angana n’ amanota 68/200, abazoja mu mashure y’indaro bazoba bashikana amanota 116/200 ni ukuvuga ibice 58%. Uyo mwaka w’ishure 2023 ushira uwi 2024 ukazotangura igenekerezo rya 18 nyakanga uno mwaka. ,
Ikiriho op Twitter: "#Burundi A l' école d'excellence, Lycée #Ngagara: la propreté est de rigueur : deux uniformes pour chaque élève de l'établissement https://t.co/ioJRcc6jVs" / Twitter
Ishure ry’akarorero iri mu Ngagara.
Ivyo biharuro vyashikirijwe na François Havyarimana atwara ubwo bushikiranganji, amenyesha yuko abanyeshure bo mu bwoko bwa batwa bakoze ikibazo bagera ku 126. Abashika 104 nibo batoye ikibazo nayo abaronse amanota 68/200 bo bakaba bemerewe kuja kwiga mu mashure y’ indaro kandi bakaba batazorihishwa amafaranga yishure. Gishasha canezereje abatari bake nuko reta yongereje uburyo yahora iha umunyeshure wese ku munsi yo gufugura avuye ku mahera amajana icenda agihe kuba igihumbi n’amajana ane ku munyeshure wese azoba yiga mw’ishure y’indaro.
Mwomenya yuko igenekerezo rya 04 Nyakanga 2023, ku migwa mikuru y’intara n’amakomine, hazoba hamanitswe intonde zerekana aho abanyeshure bamenye ikibazo, barungitswe kwiga amashure y’inyuma y’ishure shingiro.

Related posts

UE BAZOTANGA 20.000.000€ MU GISATA C’INYIGISHO SHINGIRO.

Buja Media

Gitega: Ntamunyeshure agisubira guheba ishure.

Yvan Manager

Bururi: Birukanwe kw’ishure bafashwe bariko barasambana.

Yvan Manager

Leave a Comment