Indero

Gitega: Ntamunyeshure agisubira guheba ishure.

Icegeranyo gitangwa n’ubuyobozi bw’indero muri komine Nyarusange kimenyesha yuko abanyeshure baheba ishure k’urugero rw’ibice cumi na bibiri kw’ijana bivuye k’ubukene mu miryango, ingwara n’ibindi nkuko tubikura mu cegeranyo gitangwa n’ubuyobozi bw’indero muriyo komine. Vyashikirijwe na NTAYANDENGA Léopold umuyobozi w’indero muri iyo komine .

Amakuru nkuko tuyakesha ibiro vyo gutanga amakuru mu ntara ya Gitega bivyemeza, Léonidas NDEKATUBANE atwara umurwi ujejwe gukingira agateka k’abana muriyo amenyeshaka ko ingarukambi ziba nyishi kuko benshi baheba bataramenya gusoma no kwandika bigatuma komine n’igihugu bibura incabwenge zikwiye zishobora kwitunganiriza imigambi, aramenyesha kandi ko benshi baca birukira kwubaka hataragera abandi bakaja kumarigara n’ibindi.

Ibiro vya posita vyi Nyarusanze.

Reverien SINARINZI nk’uwuserukira intwaro aremeza ko raporo zibashikira ariko ngo harigihe zishika ataco bagikiza narirya mubuyobozi bw’indero bakunda gutanga izo raporo mumpera zigice. Nk’umuti w’ico kibazo izo nzego zose zikaba ziyemeje kozigiye guhagurukira icokibazo na cane cane mugukorana n’ama komite yo kumitumba, kugiranira amanama kenshi n’abayobozi b’amashure, abarezi hamwe n’ abarerwa ubwabo. Ikindi kigiye gukorwa nuko ubu umunyeshure azoheba ishure bikamenyekana azoca asubizwa kw’ ishure ubutarariye. Mwomenya ko mwubwo buyobozi bw’indero bwa komine Nyarusange haheze imyaka 5 atamunyeshure atwariye imbanyi kw’ishure.

 

Related posts

Ikibazo ca Reta cakozwe n’abanyeshure barenga ibihumbi 50.

Yvan Manager

“Concours National 2023”: Karusi niya mbere mu kumeyesha kubice 99,43.

Yvan Manager

Singirankabo Prosper yiga afise imyaka 57, akarorero mu gukunda ivyigwa.

Yvan Manager

Leave a Comment