Imyidagaduro

The Beatles wasohoye indirimbo hakoreshejwe ubuhinga inyuma y’imyaka 53 utakibaho

Haraciye imyaka 53 abagize umurwi The Beatles barapfuye, indirimbo “Now and Then” yabo yasubiye kwumvikana batakiriho kuruyu wa mbere uheze hakoreshejwe ubuhinga budasanzwe muri kino gihe bita “Intelligence Artificielle”. Umurwi The Beathles wamenyekanye cane kw’isi, ivyatangaje abatari bake binatuma haza ishengero ry’abakunzi kwumviriza yo ndirimbo. The Beatles n’umurwi wakunzwe cane birenze kw’isi usambutse, hasubiye kwumvikana akajwi kawo mundirimbo nshasha. Ni n’inyuma kandi y’imyaka 43 uwatanguje uwo murwi John Lennon akaba ari nawe yakora vyinshi muri uyo murwi apfuye, mbere na mugenziwe George Harisson akaba yasandavye muri 2001.
Nkuko ayo makuru tuyakesha ikinyamakuru co mu Bufaransa Le Parisien, abakunzi basubiye kwumva utujwi tw’abagize umurwi “The Beatles”
The Beatles ni umurwi ufise amamuko mu gisagara ca Liverpool mubwongereza, ukaba wari ugizwe n’abahungu bane John Lenon yatanguje umurwi, Paul McCartney, Ringo Starr na George Harrison, muri abo bose hakaba hasigaye babiri gusa. Paul McCartney afise imyaka 81 na Ringo Starr afise imyaka 83.
Ururirimbo “Now and Then” ni urururimbo rwafashwe bisanzwe n’umuririmvyi John Lennon munzu yiwe i New York mumwaka wa 1970 atarasandaba munyuma umwaka wa 1994 umupfakazi wiwe Yoko Ono aruha rufashwe harimwo piano gusa abari basigaye b’uwo murwi, ariko kubera ubuhinga butari bwatere imbere cane ico gihe, vyaranse gusukura neza ijwi rya John Lenon muvyuma, munyuma baravyihoza barabika.
Peut être une image de 4 personnes
Abagize umurwi The Beatles, babiri muribo barapfuye.
Uwakoze ireresi yitwa “Seigneur des Anneaux” Peter Jackson niwe yaraye abikoze mugukura ijwi rya John Lenon kw’ikasete (cassette) akarikurako ryonyene yihojeje piano akoresha ubuhinga rutura hama baraheza bashiramwo guitare électrique na acoustique vyacuraranzwe n’umwe muri uwo murwi George Harrison mumwaka wa 1995 uyu nawe nyene akaba atakiriho.
Paul McCartney umwe mubasigaye b’uyu murwi yabwiye abanyamakuru ati: “Twagiye dusanga twaronse ijwi rya John, ryari rirongorotse nk’urubura” Ikinyamakuru France Bleu kivuga ko indirimbo “Now and Then” yari yarangiye mumwaka uheze bashizemwo ingoma ya Ringo Starr na piano na bass vya Paul Mc Cartney ,baraheza baca bongeramwo n’amajwi y’aba babiri bakiriho. Ringo Starr w’imyaka 83 yagize ati: ” Vyaduteye ibigumbagumba. Wamenga ni John nyene ubwiwe ariko aririmbana natwe”. McCartney yabwiye ikinyamakuru BBC ati: ” Twashoboye gukora indirimbo yanyuma y’umurwi the Beathles n’akantu John yari yakoze bisanzwe natwe twari twakozemwo.” McCartney wo muri uyo murwi arabandanya ati: ” Ntanakimwe caremwe n’ubuhinga bugezweho, vyose nivyo twakoze. Habaye gusa ugukuramwo ivyo dukeneye no kwoza bimwe bimwe muvyo twari twarafashe mw’iyo ndirimbo”.
Twobamenyesha ko iyi ndirimbo yari irindiranywe igishika cane kuburyo na cassette canke uburyo bwa Vinyle vyari vyashizwe kw’isoko kugira bigurishwe, vyaheze bugica kuko vyaguzwe cane. Mugisagar ca Liverpool n’ahatari hake mubwongereza wari umunezero mwinshi kubakunzi b’uwo murwi. Uyu murwi wari wasambutse mumwaka wa 1970, inyuma y’ukwezi uhejeje gusohora urukurikirane rw’indirimbo bitiriye “Let it be” ukaba witwa ko usubiye hamwe kundirimbo yanyuma inyuma y’imyaka 53 usambutse.

Related posts

Bujumbura: Hateguwe ibiteramo vyo kwibuka Bob Marley.

Yvan Manager

Umuririmvyi Saïdi Brazza yitavye Imana.

Yvan Manager

Primusic: Ikirangaminsi uko ihiganwa rizogenda riba mu gihugu cose.

Yvan Manager

Leave a Comment