Imibano

“Banyagisagara,twirinde ibihuha kuko bisamaza” Dr Sabine Ntakarutimana

Kuri uyu wa gatandatu igenekerezo rya 30/09/2023 mu gisagara ciza ca Bujumbura, bitewe iteka n’icegera ca mbereĀ  Umukuru w’Inamanshingamateka Umushingamateka Dr Sabine Ntakarutimana, ibikorwa vy’iterambere rusangi bigizwe no gusibura umuserege utwara amazi kw’ibarabara riva hafi ya Brarudi rigana kuri Chanic muri Komine ya Ntahangwa.

Mugaseke yatekururiye abanyagisagara, icegera ca mbere c’Umukuru w’Inamanshingamateka, Umushingamateka Dr Sabine NTAKARUTIMANA yashimiye abanyagisagara ca Bujumbura ku kuntu bitaba akamo batewe na Nyenicubahiro ko gukora ibikorwa “iki gikorwa dukoze co gusibura ino caniveau n’igikorwa kiza muri bimwe vy’isuku n’igikorwa c’iteka! Kuko gituma dutuza imyuzurira.”

 

Ararikira abanyagisagara gukomeza isuku, kugira igisagara kibe igisagara gisukuye ” Dusabe abanyagisagara umwe wese isuku arigire iryiwe umwe wese asukure aho abaye , aho akorera ,dukurikize amabwirizwa y’isuku nk’uko tubihamagarirwa n’abajejwe amagara y’abantu twirinde indwara ziva kw’isuku rike nka Korera.”

Yahamagariye abanyagisagara bose guhaguruka bagakora ibikorwa vyo kwiteza imbere: “Ni naho tuzoba turiko turashigikira ya mbono ya Nyenicubahiro Umukuru w’igihugu cacu ciza c’Uburundi šŸ‡§šŸ‡® c’uko Uburundi buzoba bumeze mu mwaka wa 2040 na 2060.
Iterambere ritangurira mu rugo .”

Banyagisagara turwanye ama ligala , umwe wese afungure ivyo yabiriye akuya. Dr Sabine NTAKARUTIMANA yahamagariye kandi abanyagisagara kwirinde ibihuha kuko birasamaza, na cane cane muri ino minsi. “Umwe wese afate umusimamo, twifatire umusimamo wo kwirangurira ibikorwa vy’iterambere, duteze imbere igihugu, duteze imbere imiryango.”

 

Related posts

“Reta y’Uburundi igiye kurondera ubwoko bwiza bw’inkwavu zunguka” E. Ndayishimiye

Yvan Manager

Elicom: ā€™ā€™Abakenyezi turashoboye vyose, ivyo abagabo bakoraā€™ā€™.

Yvan Manager

Igenekerezo rya 8 ntwarante, ni umusi mpuzamakungu wahariwe umukenyezi.

Yvan Manager

Leave a Comment