ImibanoMumahanga

Yaga yahagaritswe ivy’agateganyo na CNC.

Urubuga rw’abanditsi Yaga bahagaritswe ivy’agateganyo n’Inama nkuru y’igihugu ijejwe kugenzura uko ibimenyeshamakuru bikora CNC intandaro ya vyose ngo ni uko ishirahamwe risanzwe riserukira ico kinyamakuru AJEBUDI ryatanze amadosiye adakwije ibisabwa harimwo urupapuro rw’amagendo rwemeza yuko iyo shirahamwe ryemerewe gukora ku mugaragaro n’ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu ari na bwo busanzwe bujejwe gutanga impusha z’amashirahamwe akorera mu gihugu. Ibimenyeshamakuru 4 vyarugawe, 2 vyemererwa gukora
Munama yabaye kuwa 27 Ntwarante, Espérance Ndayizeye mu kiganiro n’abamenyeshamakuru, uwo arongoye CNC yamenyesheje ingingo bafashe harimwo n’ibindi binyamakuru vyugawe kubera bitariko birakoresha uruhusha vyahawe mu gihe hari abandi bazikeneye nka: Radio International University of Equator, Télévision Burundi Bwiza na Mawingu TV. Kurundi ruhande hari ibinyamakuru 2 vyemerewe gukora niyo nama nkuru y’igihugu ijejwe kugenzura uko ibimenyeshamakuru bikora  na vyo ni ikinyamakuru Look Media Burundi na Radio Shalom FM. Bikaba vyemerewe inyuma y’ibisabo vy’ababirongoye.
Image
Itangazo bashize kurubuga rwa X inyuma yokuva bahagaritswe.
Kuruhande rw’ urubuga rw’abanditsi Yaga bamenyesha yuko bagiye kuja hamwe na CNC kugira baronke amakuru akwiye kuriyo ngingo bafatiwe.

Related posts

Kylian Mbappé abuze mu bakinyi 10 ba mbere bahembwa cane kw’isi.

Buja Media

Umukuru w’Igihugu Samia Suluhu Hassan, yasavye ko ibikorwa vy’igihugu bibandanya ukuri kwamye.

Buja Media

Prigozhin umukuru w’ingabo za Wagner bamushinguye.

Buja Media

Leave a Comment