Ubutunzi

SOSUMO izotanga amatoni 1500 y’isukari muri Nyakanga 2023.

Amatoni 1500 niyo ishirahamwe SOSUMO igiye gutanga mu gihugu cose nkuko uyu munsi hasohotse urutonde uko intara zigiye kuronka. Mu gisagara ca Bujumbura bazobaha amatoni 1000 mu Makoni 3. Urwo rutonde rugiye ahabona inyuma yaho Umukuru w’Igihugu agiranye umubonano udasazwe  n’abadandaza bakuru bakuru baragurira isukari muriryo shirahamwe rya Sosumo mu mpera ziy’indwi iheze.Urwo rutonde rwo muruku kwezi kwa Nyakanga ruteweko umukono n’umuyobozi mukuru igenekerezo rya 6 Nyakanga 2023. Komine Ntahangwa babahaye itoni 400, Mukaza itoni 350 hamwe na Muha babahaye itoni 250.

Itoni zahawe izindi ntara zisigaye:

1/ Bujumbura Mairie: 1000 T

2/ Ngozi: 148 T

3/ Kayanza: 100T

4 Muyinga : 80 T

5/ Gitega: 294 T

6/Kirundo: 68 T

7/Karusi : 60 T

8/ Muramvya : 80 T

9/ Mwaro: 40 T

10/ Cankuzo: 50 T

11/ Ruyigi: 70 T

12/ Rumonge: 70 T

13/ Bubanza: 60 T

14/ Bururi : 50 T

15/ Makamba : 90 T

16/ Rutana : 80 T

17/ Bujumbura : 80 T

18/ CIBITOKE : 80 T

Urwo rutonde rugiye ahabona ni mugihe mu kwezi k’umunani hari ba musitanteri bakuwe mu mabanga kubera hari itunganwa ribi ry’isukari nkuko vyagiye vyemezwa n’umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu.

Related posts

Muramvya:Buramatari yarishe imifuko 290 y’isima yononekaye iri mu bubiko.

Buja Media

Edouard.N Bigendako yagenywe kuba Umuyobozi mushasha w’ ibanki BRB.

Buja Media

Imiduga iduga ruguru igiye kuronswa igitoro na Sopebu vyoroshe.

Buja Media

Leave a Comment