Ubutunzi

SOSUMO izotanga amatoni 1500 y’isukari muri Nyakanga 2023.

Amatoni 1500 niyo ishirahamwe SOSUMO igiye gutanga mu gihugu cose nkuko uyu munsi hasohotse urutonde uko intara zigiye kuronka. Mu gisagara ca Bujumbura bazobaha amatoni 1000 mu Makoni 3. Urwo rutonde rugiye ahabona inyuma yaho Umukuru w’Igihugu agiranye umubonano udasazwe  n’abadandaza bakuru bakuru baragurira isukari muriryo shirahamwe rya Sosumo mu mpera ziy’indwi iheze.Urwo rutonde rwo muruku kwezi kwa Nyakanga ruteweko umukono n’umuyobozi mukuru igenekerezo rya 6 Nyakanga 2023. Komine Ntahangwa babahaye itoni 400, Mukaza itoni 350 hamwe na Muha babahaye itoni 250.

Itoni zahawe izindi ntara zisigaye:

1/ Bujumbura Mairie: 1000 T

2/ Ngozi: 148 T

3/ Kayanza: 100T

4 Muyinga : 80 T

5/ Gitega: 294 T

6/Kirundo: 68 T

7/Karusi : 60 T

8/ Muramvya : 80 T

9/ Mwaro: 40 T

10/ Cankuzo: 50 T

11/ Ruyigi: 70 T

12/ Rumonge: 70 T

13/ Bubanza: 60 T

14/ Bururi : 50 T

15/ Makamba : 90 T

16/ Rutana : 80 T

17/ Bujumbura : 80 T

18/ CIBITOKE : 80 T

Urwo rutonde rugiye ahabona ni mugihe mu kwezi k’umunani hari ba musitanteri bakuwe mu mabanga kubera hari itunganwa ribi ry’isukari nkuko vyagiye vyemezwa n’umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu.

Related posts

BRB: “Uwuzoshaka amahera mvamahanga yose yipfuza azoyaronka”.

Yvan Manager

Ibiciro vy’ibitoro vya Essence na Mazout vyagabanutse, Pétrole iraduga.

Yvan Manager

Igitoro cadugijwe igiciro mu Burundi

Yvan Manager

Leave a Comment