Mumahanga

Sylvia Bongo,umupfasoni w’Umukuru w’Igihugu Ali Bongo yinjiye ibohero r

Sylvia Bongo yarinjiye ibihero rikuru ryo muri Gabon inyuma yaramaze igihe kirenga ukwezi afinzwe icamaso mu nzu yahora ibamwo uwahoze ari umushingantahe wiwe amaze guhirikwa kubutegetsi n’umuri w’abasirikare mukwezi k’umunani. Sylvia Bongo yagirizwa kuba yaranyuruje amatungo atari make y’igihugu no kuba yarihaye ubutegetsi bw’umugabo wiwe kuva Ali Bongo akitswe n’amagara. Bivugwa ko Sylvia Bongo yakora ibishoboka vyose ngo umuhungu wiwe, Noureddine Bongo, aze asubirire se.

Nkuko tubikesha ikinyamakuru co muri Gabon, bamenyesha yuko yumvirijwe amasaha hafi 12 baca bafata ingingo yo kumushira mw’ibohero vy’agateganyo mu gihe arindiriye kuburanishwa mu minsi 10 iri mbere. Muri bikuru bikuru bamwagiriza harimwo ukunyuruza amatungo atari make no gukoresha inyandiko z’amagendu akaba asanze umuhungu wiwe mw’ibohero aho yafashwe inyuma gato itembagazwa ry’ubutegetsi bwa se wiwe.

François Zimeray, avocat de Carlos Ghosn : "Je suis inquiet sur la  perspective d'un procès équitable"
Bongo Zimeray aburanira Sylvia Bongo.

Bongo Zimeray afasha muvy’amategeko Sylvia Bongo yavuze ko iyo ngingo yo kumutwara mw’ibohero rikuru idakurikije amatego ikindi bakoze nuko baratanze ibirego mu Bufaransa, igihugu afisemwo ubwenegihugu, bakamenyesha yuko ata kwidegemvya afise.

Mwomenya yuko Ali Bongo yatembagajwe n’abasirikare bari bajejwe kumucungera, isaha imwe gusa inyuma y’aho umurwi w’igihugu ujejwe gutunganya amatora wari uhejeje gutangaza ko Bongo ariwe yatahukanye intsinzi mu matora yari agiye kumuha gutwara ikiringo ca gatatu.

Related posts

Emmanuel Macron yakiriye umumenyeshamakuru Olivier Dubois yanyurujwe haraciye hafi imyaka 2.

Yvan Manager

Haciye imyaka 65, bamenye yuko babagujije bakiri inzoya mu bitaro.

Yvan Manager

Kenya: Abantu 35 bashizwe ahabona bakekwa gukorana n’imirwi y’iterabwoba.

Yvan Manager

Leave a Comment