Mumahanga

Zelensky : ‘’Ntibashobora gufata igisagara Bakhmut tugihari’’.

Igisagara ca Bakhmut kiriko kirasatirwa n’ ingabo z’ibisogerezi z’ Uburusiya  mu buseruko bwa Ukraine bavuga ko urugamba ruzobandanya ariko prezida wa Ukraine Volodymyr Zelensky amenyesha ko bazobafata mu mugongo arikumwe n’aba jenerari bakuru bakuru biwe.

Abakurikiranira hagufi ivyiyo rwano bigira bimare umwaka n’ igice, bavuga ko Ukraine ishobora kuba iriko irakuraho ingabo zimwe zimwe mu gihe abasoda ba barusiya bagenda barasatira ico gisagara. Umwe mu bategetsi bakomeye bo murako karere abona ko intambara z’ urutavanako zibandanya kuva imisi mike iheze. Oleksandr Marchenko, icegera c’umukuru w’igisagara, yemeje ko abarusiya batari bwahafate muriyi indwi iheze.

Yevgeny Prigozhin, umukuru w’umurwi w’abacangero arwanira Uburusiya.

Ni mugihe Yevgeny Prigozhin umukuru w’umurwi w’abacangero ufise uruhara runini muriyo ntambara y’Uburusiya, yidoga ko ata masasu bafise, ni mugihe hari bisa nk’ukutumvikana hagati y’abarwanyi biwe n’ ingabo z’ Ubusiya ikindi ngo nuko uwumuserukira yankiwe kwinjira mu biro bikuru vy’ igisirikare c’ Uburusiya.

Mu gihe intumbero yo gufata Bakhmut yo shoboka, Uburusiya bwoba bwegereje umugambi wayo wo kwigarurira intara ya Donesk, imwe mu ntara 4 zo mu beseruko bushira mu bumanuko bwa Ukraine. Zelensky yashikirije abwira intwazangabo nkuru nkuru ibijanye na Bakhmut yagize ati : Ntavyo kuvayo, ahubwo n’ukubandanya dushira inguvu nyinshi gukomeza ibirindo vyacu, intwazagabo zose zishigikiye iki ciyumviro, nta yindi nzira, twabwiye umukuru wa gisirikare ko arondera izindi ngabo zija gufasha abahungu bacu mu Bakhmunt. Ikinyamakuru co mu Budagi ‘’ Bild’’ canditse yuko umukuru w’igisirikare c’ Uburusiya Valery Zaluzhny adahuza na Zelensky kuriyo ntambara iriko ibera muri Bakhmut amusaba yuko bovayo, abanywanyi hafi bose bariko barwanira muri ico gisagara babona ibintu kumwe na jenerari Zaluzhny. Mu mpera z’indwi iheze, Ikigo ca Amerika ciga ku bijanye n’intambara (ISW),ingabo za Ukraine zisa n’iziriko zirwana  ‘’intambara yo kwicira inzira yo gusubira inyuma mu gihe zibandanya ziha inkumbi bikomeye mu ngabo z’ Uburusiya.

Mu mpera z’ indwi iheze, ikigo ca Amerika ciga ku bijanye n’intambara (ISW), ingabo za Ukraine zisa n’iziriko zirwana  ‘’intambara yo kwicira inzira yo gusubira inyuma mu gihe zibandanya ziha inkumbi bikomeye mu ngabo z’ Uburusiya.

Olexandr Syrsky, umukuru w’ingabo zirwanira ku butaka bwa Ukraine.

Umukuru w’ ingabo zirwanira ku butaka bwa Ukraine mu kinyamakuru Ukrainska Pravda avuga ko urugamba rwa Bakhmut rugeze aho umwansi ashaka, ati : ‘’Umwansi ariko arasuka izindi ngabo za Wagner muri ino ntambara, ingabo zacu zibandanya zirwana n’ubutwari bwose mu gikingira ibirindo vyacu mu buraruko nwa Bakhmut, zigerageza kubuza ko igisagara c’ ugaranwa’’.

Ivyo biruko mu gihe abasirikare b’ Uburusiya bagerageje gushaka kwigarurira ico gisagara, bahatakariza ibitari bike ku mpande zompi.

 

 

Related posts

Moise Katumbi agiye kwitoza nk’uwuserukira iyindi migambwe yabatavuga rumwe n’ubutegetsi.

Yvan Manager

Joe Biden yasavye ibindi bihugu bacuditse kubandanya bafasha Ukraine.

Yvan Manager

TMC Burundi: “Twazanye Jaguar wo muri Kenya kugira twerekane ishusho ryiza ry’ Uburundi”.

Yvan Manager

Leave a Comment