IbigezwehoImyidagaduro

AMB: Baterereye imifuko 10 izokubaka ikibuga Intwari.

Abagize ishirahamwe ry’abaririmvyi mu Burundi batanze imifuko 10 izosahiriza mu kubaka ikibuga Intwari mu ibikorwa rusangi bakoze kuruyu wa gatandatu mu gatondo mu ntumbero yo kugira ico baterereye mu kubaka ico kibuga nka bamwe mu barundi bakunda igihugu.

Nkuko twashitse murivyo bikorwa habonetsemwo abaririmvyi batandukanye ndetse harimwo n’abo mu gihugu hagati. Saidi Brazza umuririmvyi wo mu ntara ya Ngozi yashimye ico gikorwa kuko yasanze ahubwo kabaye n’akaryo ko gusubira kubonana n’abaririmvyi batandukanye.

Olivier Ndayishimiye benshi bazi kw’izina rya Crazy Bright atwara iryo shirahamwe ku ruhande rwiwe ngo bashatse gusahiriza ibikorwa vyo kwiyubakira ikibuga nabo bakazohimbarwa umusi bacinjiye icese, ngo naho abaririmvyi bakoresha agahogo mu kuririmba bashatse kwerekana yuko nabo bafise amaboko yo gukora ibikorwa vy’inguvu n’ivyubuhinga.

Saidi Brazza yamabaye impunzu z’ igitenge arikumwe na Ir Methode Ndikumagenge arongoye iyo nyubako.

Twashatse kumenya igituma ubu ariho bibutse bimwe mu bikorwa vy’inguvu, yishuye ati : ‘’ Hari habuze kuja hamwe kandi ishirahamwe ryagiye riraca mu bibazo bitandukanye muri kahise ariko ubu turi k’umurindi mwiza w’ibikorwa vy’iterambere’’.

Kimana Edith na Masterland ku kibuga Intwari.

Olivier Ndayishimiye, arashima aho reta igeze ku bashigikira agasaba ubushikiranganji muvyo bujejwe harimwo imico kama kubaba hagufi mu gushishikara babafata mu mugongo, abaririmvyi nabo bagaruke bayiteze imbere.

Ivyo bikorwa rusangi biheze, abari bavyitabiriye bose baricaye bongera barasangira ikiyago n’akarahuri.

Related posts

Inoti ya 10.000,5.000 yakozwe kuwa 4 Munyonyo 2108, ntizoba igikora inyuma ya 17 Ruheshi 2023.

Yvan Manager

Amkeni bayihagaritse babuza uwayiririmvye gusubira kuririmbira muri Tanzaniya kubera inegura ubutegetsi.

Yvan Manager

Mukaza basabwa kwubaka bisunze itegeko rigenga gutunganya ibisagara ryo muri 2011.

Yvan Manager

Leave a Comment