Imibano

Ihindagurika ry’ibihe ni inzitizi kw’iterambere rirama.

Mu gihe ishirahamwe mpuzamakungu ONU ryatanze amahangiro 17 mu ntumbero yo guteza imbere ibihugu gushika mu mwaka wi 2030. Nk’ umunywanyi w’ iryo shirahamwe mpuzamakungu uburundi ntibwasigaye inyuma mu gushira mu ngiro ibikorwa bikinga bikongera bikarwanya ihindagurika ry’ ibihe kuko riri mu bisubiza inyuma iterambere ry’ abantu  mu mpande nyinshi. Ikibazo rero umuntu yokwibaza ni ico kumenya urugero abarundi bagezeko mu guhangana naryo. Biri mu kiganiro cakoranije umugwi w’ abize ivyigwa vy’ imibano muri kaminuza y’ Uburundi.

Mu cigwa yashikirije , Pascal Ntakirutimana, umwe mu bagize umugwi ”Club de Sociologie de l’UniversitĂ© du Burundi” avuga ko ibitera ihindagurika ry’ ibihe ritegwa n’ ibikorwa vya kiremwa muntu. Muri ivyo hari ibiva ku bihugu biteye imbere vyo bifise amahinguriro manini cane gutyo bikarungika mu kirere ivyuka bihungabanya igisenge ca ”Ozone”  arico gikinga ubumara buterwa n’imishwarara ”rayons ultra- violet” . Ivyo navyo bikagira inkurikizi mbi ku binyabuzima vyose, umuntu adasigaye inyuma.

Inkurikizi

Nkuko abandanya abishikiriza muri ico cigwa yasangije urundi rwaruka, Pascal Ntakirutimana aradondagura inkurikizi zitandukanye:

  • Ubushuhe bwinshi, imyuzurira , ingwara zifatiye ku guhema, indwara zifatiye kw’ isuku rike iyo hateye imyuzurira, imisozi irasiduka, inyubakwa zirasiduka, impunzi , abantu babuze uburaro baca bomoka canke bakegeranirizwa mu bibanza rusangi (rĂ©fugiĂ©s climatiques ), umwimbu uragabanuka…..

None ni gute igihugu gihangana n’ izo ngorane?

Asubiramwo ivyanditswe mu mugambi w’ igihugu ujejwe guhangana n’ ibiza n’ isibe, uwo yatanze icigwa amenyesha ko reta y’Uburundi yihaye umurongo wo gukomeza uburyo bwo kurwanya izo ngorane. Biri mu majambo y’ igifaransa akurikira :”Un État qui promeut un dĂ©veloppement rĂ©silient aux changements climatiques” kandi nivyo hari umugambi wo kwambika imitumba: ”Ewe Burundi urambaye” n’ ibindi bikorwa ariko abitavye ibiganiro tubona ko hakwiye kwongerezwa inguvu muri urwo rugamba.

Jean Luc, umu suisse amaze imyaka irenga 30 akorera mu bisata vy’ ibidukikije abona ko uburundi bumaze gufata ingendo nziza yo gukingira ibidukikije yisunze ko n’ abarundi bato bato usanga barateye ibiti mu ndimo. Yisunze ko uburundi butarungika imyuka myinshi mu kirere ,avuga ko uburundi bwokwirikirana maze bugahabwa inshumbusho ihabwa ibihugu bihura n’ ingorane ziterwa n’ ihindagurika ry’ ibihe atarivyo vyabitumye ( fonds verts).

Ku barundi bagira amahigwe yo kuja mu nama mpuzamakungu iraba ivy’ihindagurika ry’ibihe ,urwo rwaruka rubasaba gukurikira neza ibihavugirwa maze bagarutse i Burundi barabe ko ivyavugiweyo vyoba biriko biraja mu ngiro .Kubw’urwo rwaruka,niho izo ndongozi zoba ziserukiye neza abandi.

Related posts

Igenekerezo rya 8 Ntwarante yabayeho gute?

Yvan Manager

Elicom: ’’Abakenyezi turashoboye vyose, ivyo abagabo bakora’’.

Yvan Manager

Augustin yasubiye kuboneka ari muzima inyuma y’imyaka 3 yitavye Imana.

Yvan Manager

Leave a Comment