Imyidagaduro

Primusic: Ikirangaminsi uko ihiganwa rizogenda riba mu gihugu cose.

Ihiganwa rya Primusic buca risubira kuba ku ncuro yayo igira 5, Buja Fm yashimye kubaha ikirangaminsi c’ukuntu iryo higanwa rizogenda rikurikirana mu ntara 18 z’igize igihugu kuva mu Buraruko, Burengero,hagati no mu Bumanuko. Abipfuza guhiganwa muri Primusic bakazoza bararonka umwanya wo kwiyandikisha mu kibanza kiberamwo ihiganwa ry’ibanze kugira barondere abahiganwa kurwego rw’intara imbere y’umurwi utanga manota(Jury). Intara ikazoserukirwa n’abantu 2.

Abazoba barushije abandi bazoca bahinganwa kurwego rw’akarere (Regionale) ku magenekerezo ya 02 Mukakaro mu ntara ya Rumonge hamwe n’igenekerezo rya 08 Mukakaro mu ntara ya Kirundo nkuko biri ku kirangaminsi ciryo higanwa ryashizwe ahabona n’abategura ico gikorwa. Ibibanza vyaho ivyo bikorwa bizogenda birabera, Buja FM izoza irabibamenyesha.

Ihiganwa hari intara izoza iraba ku minsi y’akazi bivanye n’intara nyinshi ziri murako karere ariko hagati yico kirangamisi hari n’imisi y’akaruhuko iyo nayo ikaboneka yuko izohaba bavuye mu karere kamwe baja mu kandi.

Igice ca kabiri gishira ica nyuma kikazobera mu ntara ya  Bujumbura igenekerezo rya 23 Mukakaro, inyuma gusa y’iminsi indwi izokurikira niho hazoca haba ihiganwa rya nyuma kuwa 30 Mukakaro mu ntara ya Gitega aho dukunda kubona umuririmvyi ruragiranwa yitaba iryo higanwa kuza kunezerereza abakunzi b’umuziki ndundi. Tuzorara iryo genekerezo tuzi uwatahukanye imiriyoni 30.

 

Related posts

TMC Burundi: “Twazanye Jaguar wo muri Kenya kugira twerekane ishusho ryiza ry’ Uburundi”.

Yvan Manager

Indirimbo 10 zamenyekanye zatowe mu gice ca nyuma c’ihiganwa ry’isabukuru Iziko.

Yvan Manager

Ubushikiranganji bwo kumenyeshamakuru bwatanze ibikoresho kubinyamakuru.

Yvan Manager

Leave a Comment