Ibigezweho

Amafoto y’ivyaranze indwi yose mu Burundi.

Ikinyamakuru kirabereka ivyaranze bikuru bikuru mu mafoto kuri runo rubuga iminsi yose ya gatanu kugira mubone mu masanamu ivyakozwe mu Burundi kuva igenekerezo rya 01 Nyakanga gushika 08 uyu munsi mu bisata bitandukanye bigeze ubuzima bw’igihugu. Biraheza bikabereka mu ncamake ivyakozwe mu gisagara canke hagati mu gihugu. 

Umukuru w’igihugu , Evariste NDAYISHIMIYE , akaba ari nawe arongoye ishirahamwe ry’ibihugu vy’Afrika y’ubuseruko EAC ari kumwe n’umutambukanyi wiwe Angeline NDAYISHIMIYE, yaganutse, kuri uyu wa 8 Nyakanga 2023, avuye mu rugendo yari amazemwo imisi mu bihugu vya Kenya na Tanzaniya.

Image

Evariste Ndayishimiye yakoranije mu mwiherero abadandaza bakurubakuru b’isukari bayirangurira muri SOSUMO. Mu ntumbero yo gutorera umuti ikibazo cibonekeza mu rudandazwa rw’isukari.(Photo NtareHouse)

Muri Politique

Image

Umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye yugurura icese umwaka w’ubutungane 2023-2024 mu ntara ya Gitega amenyesha ko ariko ariga ibintu vyose yokora kugira ubutungane “bugororoke”, arabe aho bugwaye hose amenye uko yotora umuti kandi ngo umuti uzoboneka.

Mu burimyi

ImageUmushikiranganji wa mbere Gervais Ndirakobuca yaragize inama n’indongozi zitandukanye zirabwa n’igisata c’uburimyi kugira ngo barabire hamwe uko umwaka w’impeshi wagenze mu mwaka wa 2023, umushikiranganji wa mbere Gervais Ndirakobuca yategetse umuyobozi w’ihinguriro FOMI kumuha itariki azotangirako ifumbire mu gihugu cose bitarenze umusi umwe.

Mu butunzi

Amatoni 1500 niyo ishirahamwe SOSUMO igiye gutanga mu gihugu cose nkuko uyu munsi hasohotse urutonde uko intara zigiye kuronka. Mu gisagara ca Bujumbura bazobaha amatoni 1000 mu Makoni 3. Urwo rutonde rugiye ahabona inyuma yaho Umukuru w’Igihugu agiranye umubonano udasazwe  n’abadandaza bakuru bakuru baragurira isukari muriryo shirahamwe rya Sosumo mu mpera ziy’indwi iheze.Urwo rutonde rwo muruku kwezi kwa Nyakanga ruteweko umukono n’umuyobozi mukuru igenekerezo rya 6 Nyakanga 2023

Mu nkino

Abakinyi b’Intamba mu Rugamba bamaze gutangura gufata ingendo zibashikana muri #Cameroun bavuye mu migwi  mu gihe bariko baritegura urukino na Cameroun

Related posts

AMB: Baterereye imifuko 10 izokubaka ikibuga Intwari.

Buja Media

Tanzaniya: Ugusubiza hamwe kw’abatavuga rumwe na reta nivyo Samia Saluhu yubakiyeko.

Yvan Manager

Afrika: Paul Kagame na Mohamed VI bahawe agashimwe nkaba Prezida bitayeho cane inkino.

Yvan Manager

Leave a Comment