Ikinyamakuru kirabereka ivyaranze bikuru bikuru mu mafoto kuri runo rubuga iminsi yose ya gatanu kugira mubone mu masanamu ivyakozwe mu Burundi kuva igenekerezo rya 01 Nyakanga gushika 08 uyu munsi mu bisata bitandukanye bigeze ubuzima bw’igihugu. Biraheza bikabereka mu ncamake ivyakozwe mu gisagara canke hagati mu gihugu.
Evariste Ndayishimiye yakoranije mu mwiherero abadandaza bakurubakuru b’isukari bayirangurira muri SOSUMO. Mu ntumbero yo gutorera umuti ikibazo cibonekeza mu rudandazwa rw’isukari.(Photo NtareHouse)
Muri Politique
Umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye yugurura icese umwaka w’ubutungane 2023-2024 mu ntara ya Gitega amenyesha ko ariko ariga ibintu vyose yokora kugira ubutungane “bugororoke”, arabe aho bugwaye hose amenye uko yotora umuti kandi ngo umuti uzoboneka.
Mu burimyi
Umushikiranganji wa mbere Gervais Ndirakobuca yaragize inama n’indongozi zitandukanye zirabwa n’igisata c’uburimyi kugira ngo barabire hamwe uko umwaka w’impeshi wagenze mu mwaka wa 2023, umushikiranganji wa mbere Gervais Ndirakobuca yategetse umuyobozi w’ihinguriro FOMI kumuha itariki azotangirako ifumbire mu gihugu cose bitarenze umusi umwe.
Mu butunzi
Amatoni 1500 niyo ishirahamwe SOSUMO igiye gutanga mu gihugu cose nkuko uyu munsi hasohotse urutonde uko intara zigiye kuronka. Mu gisagara ca Bujumbura bazobaha amatoni 1000 mu Makoni 3. Urwo rutonde rugiye ahabona inyuma yaho Umukuru w’Igihugu agiranye umubonano udasazwe n’abadandaza bakuru bakuru baragurira isukari muriryo shirahamwe rya Sosumo mu mpera ziy’indwi iheze.Urwo rutonde rwo muruku kwezi kwa Nyakanga ruteweko umukono n’umuyobozi mukuru igenekerezo rya 6 Nyakanga 2023
Mu nkino
Abakinyi b’Intamba mu Rugamba bamaze gutangura gufata ingendo zibashikana muri #Cameroun bavuye mu migwi mu gihe bariko baritegura urukino na Cameroun