Révérien Ndikuriyo, Umunyamabanga mukuru w’umugambwe uri ku butegetsi, CNDD-FDD ari na we yaserukiye imigambwe ishigikiye uwuri Ku butegetsi, yashimiye Umukuru w’igihugu kuba yishikiye gutanguza icese ikiringo c’imyiyamamazo. Avuga ko ata nkeka ko amatora azogenda neza, agasaba abazohiganwa bose kuzorangwa n’inyifato ibereye. Révérien Ndikuriyo yamenyesheje ko muri CNDD-FDD biteguriye kutazokoresha imvugo zikomeretsa, yemeza ko abanywanyi b’uwo mugambwe batekanye mu ntara zose no mu mitumba yose. Umunyamabanga mukuru wa CNDD-FDD yasavye abanyamigambwe kuja hamwe kugira bubake igihugu cabibarutse, no kwirinda kurabana ay’ingwe hamwe n’imvugo zibiba urwanko. Yatomoye ko amahiganwa ya poritike abantu bataba bakwiye gufatana nk’abansi, kandi ko kubisikanya Ku butegetsi bw’igihugu vyamaze gutsimbatara mu mugambwe CNDD-FDD.
Amatora 2025: Imyiyamamazo yuguruwe icese n’Umukuru w’Igihugu.
Mu ntara ya Gitega ku kibuga Ingoma, bakiriye abazokwitoza bashika 9.600 mu bikorwa vyo kwugurura ibirori vyo gutanguza icese ikiringo c’imyiyamamazo y’amatora y’ Abashingamateka n’ Abahanuzi b’amakomine, amatora azoba muri Ruheshi mu 2025 nkuko itegeko ritaguza imyiyamamazo yasohotse uyu munsi ifise inimero 100/058. Hari uyu munsi kuwa 9 Rusama, murivyo birori habonetsemwo idefire y’imigambwe 23 yose harimwo Urunani rumwe n’abigenga 13, indirimbo zihayagiza imigambwe yabo yavugijwe ku mugaragaro. Evariste Ndayishimiye yuguruye ivyo birori yabasavye guhiganwa badahezanyayo.
Murivyo birori vy’akataraboneka bibaye nirya mbere kuva uburundi bwitwa Uburundi, vyatangujwe n’idefire ndende yagizwe n’abazokwitoza bababa 10.000 mu gihugu cose hamwe n’abagize umugwi w’igihugu w’igenga ujejwe gutunganya amatora CENI ku rwego rw’igihugu, urw’intara n’urw’amakomine.

Dieudonné Nahimana yasreukiye abigenga.
Dieudonné Nahimana, yaserukiye abigenga bazokwitoza, yaneguye ko uwigenga asabwa gukwiza ibice 40 kw’ijana vy’amajwi mu ntara kugira abe Umushingamateka, mu gihe mu migambwe basabwe ibice 2 kw’ijana gusa. Asaba CENI ko abahiganwa bose bofatwa kumwe atamwana n’ikinono.

Nestor Girukwishaka yaserukiye imigambwe itavuga rumwe n’umugambwe.
Nestor Girukwishaka yaserukiye imigambwe itavuga rumwe n’umugambwe uri ku butegetsi akaba anarongoye umugambwe CNL, yashimiye Umukuru w’igihugu ku kuba yatunganije ivyo birori, akemeza ko ari imbonekarimwe. Agashima kandi ko amatora ngo ariko aratunganywa neza ashobora kubera akarorero amakungu. Nestor Girukwishaka yamenyesheje ko iyo migambwe yaserukiye izogira imyiyamamazo idahungabanya amahoro n’umutekano. Yasavye abajejwe intwaro kuzofata kumwe abazokwiyamamaza. Yasavye kandi ko abazokwiyamamaza bohabwa umwanya ungana ku Nsamirizi n’Imboneshakure vy’igihugu n’ibindi binyamakuru vya Leta.
Umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye yataguje ivyo bikorwa nyezina, yasavye abiyamamaza kuta zosanga abanyagihugu bari ku kivi mu ntumbero yuko bosanga babatesheje akazi, kugira ibimenyetso ntihazohave haboneka abantu baza kubatobera, ibibanza bikamenyeshwa kare kugira abajejwe intwaro babafashe kubitegura hakiri kare, yabahamagiriye kubikora mu rupfasoni bakirinda gutukana canke gutyoza iyindi migambwe barikumwe mw’ihiganwa. Yasave ibinyamakuru gufata abiyamamaza bakabaha umwanya ungana bose bakinegesera bidasanzwe ivyo bazoshikiriza vyose.
Mwomenya yuko imyiyamamazo izotagura kuva igenekerezo rya 13 Rusama ihere 31 Rusama, kuva isaha cumi na zibiri zo mu gatondo gushika cumi nazibiri zo ku mugoroba.