Ubutunzi

N.Gervais ahamagarira abenegihugu kubika amahera muri Twikangure Microfinance, bakayakura mu mazu.

Uwutwara urwego nshingwantwaro muri microfinance Twikangure ahamagarira abenegihugu bose bakareka kubika amahera mu mazu ahubwo bagahurumbira kubitsa ubutunzi bwabo mu mazu akora ako kazi yemewe n’amategeko ivyo yabishikirije igihe bariko binjira icese ikibanza gishasha icicaro gikuru iyo microfinance iherutse kwimukiramwo inyuma yo kuva kurugero rwa 4 baja ku rugero rwa 1 hari uyu munsi kuwa 17 Rusama 2023 imbere y’intumwa y’ibanki nkuru BRB na RIM.

Image

Gervais Ntirampeba afatiye ku kamo Umukuru w’Igihugu aherutse guhanura abenegihugu ahamagarira abantu bose kwuguruza ama konte muma microfinance canke muyandi mashirahamwe avyemerewe na mategeko ni mugihe ibanki nkuru y’igihugu yasaba abenegihugu guhidura inoti y’ibihumbi 5 hamwe na 10. Gervais Ntirampeba, kuriwe akabona ko agahombo ari kenshi iyubitse amahera muzu kuko abatamutekano afise ndetse nawe nyene ugashobora kugira ikibazo c’abasuma canke abandi bantu bashobora kukugirira nabi.

May be an image of blueprint and textIvyo biruko mu gihe iyo Microfinance Twikangure yahawe uruhusha ni banki nkuru y’igihugu kigiye ku rugero rwa 1 igenekerezo rya 02 Ruheshi 2023

 

 

 

Related posts

Ibiciro vy’ibitoro vya Essence na Mazout vyagabanutse, Pétrole iraduga.

Yvan Manager

Rusasuma igira 4: Bikuru bikuru vyerekana itandukanye n’izimaze kuba.

Yvan Manager

Edouard.N Bigendako yagenywe kuba Umuyobozi mushasha w’ ibanki BRB.

Yvan Manager

Leave a Comment