IbigezwehoInkino

Etienne Ndayiragije, atsinzwe urukino rwa mbere mu Ntamba mu Rugamba.

Intamba mu Rugamba bahejeje gutakaza urukino batsinzwe n’ iguhugu ca Indonesie 3 kuri 1 mu rukino rwa mbere bakinye uyu musi mu gisagara ca Jarkat muri Indonésie rubaye urukino rwa mbere Etienne Ndayiragije kuva ashikiriye ayo mabanga yo kumenyereza umurwi nserukiragihugu.

Intamba mu Rugamba bakina na Indonesie.

Rwari urukino rwa kivandimwe mu kwitegurira neza inkino zo gukuranamwo barondera uburenganzira bwo kuzokwitabira igikombe ca Afrika kizobera mu gihugu ca Côte d’Ivoire mu 2024.

Nurukino Intamba mu Rugamba itatwaye abakinyi bose kumvo zuko bamwe bagize imvune abandi nabo bagira ibindi bibazo vyumuryango.Vyagaragaye ko habonetsemwo abakinyi bashasha batari bwigere bakinira Intamba mu rugamba nka Moussa Omar n abandi. Ibindi vyibonekeje nuko umumenyereza yahaye amahirwe abakinyi bashasha hamwe nabatahora batangura mu kibuga.

Urukino rwataguye biboneka neza yuko Indonésie iri hejuru cane yUburundi kubijanye no mu kibuga hagati kubwivyo umurwi wa Indonésie batsinze ibitsindo 3 hakiri kare mu gice ca mbere curukino aho vyabonekako intamba mu rugamba zitari bwinjire neza mu rukino.Mu gice ca kabiri curukino Etienne Ndayiragije yagerageje guhindura bamwe mu bakinyi bari batanguye mu kibuga biboneka ko umwimbu wari muto, kuva aho agize impinduka mu kibuga vyabonetseko abakinyi bahinduye ibintu batsinda igitsindo kimwe ku munota wa 51.Vyagiye kurangira intamba mu rugamba zisumvya umurwi wa Indonésie mu bijanye no kugumana umupira.

Twobamenyesha ko bafise urundi rukino ku munsi wa kabiri igenekerezo rya 28 Ntwarante nuwo murwi nyene murico gihugu.

Related posts

Vital’O FC: Uburongozi bwarushe.

Yvan Manager

Liliane Nshimirimana, umunyamabanga nshingwabikorwa mushasha mu kigo c’abamenyeshamakuru mu Burundi.

Yvan Manager

AMB: Baterereye imifuko 10 izokubaka ikibuga Intwari.

Buja Media

Leave a Comment