Inkino

Amazina y’abakinyi bazokina urukino na Cameroun yamaze kumenyekana.

Umumenyereza w’intamba mu rugamba Etienne Ndayiragije , kuri uno wa 16 myandagaro 2023 , mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru, yamenyesheje urutonde rw’abakinyi 37 azokwifashisha mu rukino rukomeye ruzohuza u#Burundi hamwe na Cameroun ku wa 12 Nyakanga 2023. Saido Ntibazonkiza na Cédric Amissi mu rutonde rw’abakinyi bahejeje gushirwa ahabona n’umumenyereza w’intamba azokwifashisha mu rukino ruzobahuza na Cameroun.
Muri urwo rutonde harimwo abakinyi babiri bazigarageza mu kibuga kuri uwo musi batari batumweko mu rukino ruheruka rwahuje intamba na Namibie . Ni Saido Ntibazonkiza hamwe na Cedric Amissi. Umumenyereza Étienne Ndayiragije yasiguye ko kuba batari batumiwe ubuheruka vyari vyavuye ku kuntu hari aho babakeneye bakababura.
Uwo mumenyereza w’intamba avuga ko urwo rukino intamba zizogenda i Douara zirondera gutsinda gusa kandi ngo arafitiye icizere abakinyi biwe.

Related posts

Gambie yaratsinze Uburundi, bose baraganya amanota 10.

Buja Media

Ihiganwa ry’Afrika: ‘’Imyiteguro iriko igende neza kandi igeze kure’’.

Buja Media

Mondiale 2026: Hasigaye imisi 400 itagure, Mexique iriteguriye kwakira abakunzi benshi cane.

Buja Media

Leave a Comment