Zidafise Umuce

Niger watangaje kugiye kuburanisha Prezida Mohamed Bazoum baheruka gutembaza ku butegetsi.

Umurwi wa gisirikare wafashe ubutegetsi muri Niger watangaje kugiye kuburanisha Prezida baheruka gutembaza ku butegetsi Mohamed Bazoum bamwagiriza ” Guhemukira ku rwego rwo hejuru abenegihugu no kubangamira umutekano w’igihugu”.Ni mugihe igenekerezo rya 26 kwa Mukakaro, abo basirikare bahiritse reta yiwe yatowe muri demokarasi.

Mw’itangazo ryasomwe ku mboneshakure y’igihugu, umuvugizi wa gisirikare Koloneli Majoro Amadou Abdramane yavuze ko bamaze igihe begerenya ibimenyetso kuri Prezida bahiritse, no ku bo bise “ivyitso vyo mu gihugu no mu mahanga”.

Kuva ahirikwa ku butegetsi, Bazoum, w’imyaka 63, numuryango wiwe, bafungiye mu cumba co hasi c’inyubako ya Prezida mu murwa mukuru Niamey.Haramaze kwibonekeza ibiganiro bitari bike; iryo tembangazwa ribayeho  yabayeho kugira barabe ko botorera inyishu ico kibazo mu nzira y’ibiganiro n’umuryango w’ibihugu byo muri Afrika y’uburengerazuba (CEDEAO/ECOWAS), kugeza ubu nta co yari irashikako.

Iryo tangazo rishasha riratagaza abatari bake kuko ritangajwe hashize amasaha uwo murwi wa gisirikare uvuze ko gafise uburenganzira bwo gucisha mu nzira ya diplomasi mu kugerageza gutorera inyishu ibibazo biri murico gihugu. Mu ndwi iheze, umukuru w’intumwa z’abahuza  yavuze ko umukuru wuyo murwi, Jenerali Abdourahamane Tchiani, yiteguye kwiga ku nyishu zivuye muri diplomasi (ibiganiro) na CEDEAO.

Sheikh Abdullahi Bala Lau, atwara umuryango wa kisilamu.

Mwitangazo, Sheikh Abdullahi Bala Lau, umukuru w’umuryango wa kisilamu wa Izala Salafist Movement wo muri Nigeria, yavuze ko Gen Tchiani yavuze ko “imiryango yabo ifunguye ku kwiga kuri diplomasi n’amahoro mu gutorera inyishu ibibazo”.

Iryo tangazo ryanavuze ko Gen Tchiani yasavye imbabazi ku kwanka kwakira intumwa za CEDEAO zagiye muri Niger imbere yaho.

Related posts

Umurundi w’imyaka 16, yakoze urubuga hwaniro yise “Frasasu” rukiri mw’igeragezwa.

Yvan Manager

Kirundo: Umushikiranganji w’ Ubutungane yagize inama ku kibazo ca Christella Ndayishimiye cabuze inyishu.

Yvan Manager

Miss Burundi: Amazina 26 yabagiye mu 1/2 c’ihiganwa.

Yvan Manager

Leave a Comment