Ubutunzi

NGOZI: “Umuryango wose ushaka isukari urekuriwe ibiro 2 gusa.”

Mu ntara ya Ngozi, hagiye gutangwa ibiro 2 vy’isukari ku muryango wose nkuko vyashikirijwe na Emmanuel Ntaconsanze Buramatari wiyo ntara yaciye atanga numéro ya terefone abanyagihugu bomuronderako bamubwira abanyuruza isukari “Umuryango wose ushaka isukari urekuriwe ibiro 2 kandi nta bantu barenga umwe bo mu muryango umwe barekuriwe guhabwa isukari”. Ivyo ni mu ntumbero yo kugwanya abanyuruza isukari bikitse mu kiza nk’uko vyashikirijwe na Buramatari w’intara ya Ngozi kuri uyu wa 22/8/2023.
Peut être une image de texte
Emmanuel Ntaconsanze mu nama yakoranirijemwo abadandaza bakuru bakuru (grossistes) b’isukari bo mur’iyo ntara akaba yahamagariye abakuru b’imitumba kurikanura cane cane kuwa 24/8/2023 aho isukari izoba iriko ihabwa abanyagihugu. Buramatari wa Ngozi akaba yatanze numéro ya téléphone 69 64 43 88 bomuhamagarako igihe cose habonetse abazana amanyanga mw’ itangwa ry’ isukari canke uwundi yohungabanya intara ya Ngozi mu buryo ubu canke buriya.
Emmanuel Ntaconsanze akamenyeshako intara ya Ngozi yahawe amatoni 50 kandi igiciro cashinzwe na Reta ca 3.300 Fbu ku kiro gitegerezwa kwubahiriza hose kandi ntihagire uwigira sindabibazwa.

Related posts

SOSUMO izotanga amatoni 1500 y’isukari muri Nyakanga 2023.

Yvan Manager

Séverin yakoze akuma gafasha guhamagarana ata ma inite akoreshejwe.

Yvan Manager

Muramvya:Buramatari yarishe imifuko 290 y’isima yononekaye iri mu bubiko.

Yvan Manager

Leave a Comment