MuburundiPolitike

Amatora 2025: Ibikoresho vyataguye kurungikwa mu ntara.

Ibikoresho bizokora mu matora azoba uyu mwaka wi 2025 kuva mu kwezi kwa Ruheshi (6) vyataguye kurungikwa mu makoni atandukanye agize igihugu nkuko ayo makuru tuyakesha urubuga rwa X rw’ ibiro vy’ingenga bitegura amatora CENI. Amatora ya mbere azoba igenekerezo rya 05 Ruheshi 2025 mu gihe ay’ Umukuru w’Igihugu azoba mu 2027.
Mu gihe hasigaye amezi 2 gusa kugira abarundi bitorere inzengo zishasha zizobaja imbere kuva mu 2025 gushika 2030, ibikoresho bitandukanye harimwo amasandungu y’itora, amarangi harimwo n’ibindi bikoresho bitandukanye nivyo vyataguye kurungikwa n’imiduga iri mubwoko bwama camion manini manini, icogikorwa cataguye kuwa mbere igenekerezo rya 31 Ntwarante 2025 bivuye mu bubiko bwa CENI.
Umurwi w’igihugu w’ingenga CENI baramaze kugiranira ibiganiro n’imice itandukanye izokorana nabo mu bisata vyinshi amanama kugira ico gikorwa c’amatora kizogende neza nk’akarorero ka vuba CENI nk’akarorero wahaye inyigisho z’iminsi 2 ku mashirahamwe yigenga bafitaniye amasezerano uburenganzira bwo gutangura kwigisha ku bijanye n’inyigisho zijanye n’amatora be no gukunda igihugu.
Mwomenya yuko amatora y’abakenguzamateka azoba kuwa 23 Mukakaro akurikirwe n’amatora y’abahanuzi y’abatwara imitumba iginekerezo rya 25 Myandagaro uyu mwaka nyene wi 2025.

Related posts

Ubuserukizi bw’Ubuganda mu Burundi bwarashimye intambwe y’abanyeshure b’abarundi bize muri ico gihugu.

Buja Media

BS Dynamik wa myuma watsinze Vision FC wari mu kibanza ca mbere kundwi igira 10.

Buja Media

Arielle Kayabaga umushikiranganji mushasha w’intwaro yo hagati mu gihugu muri reta ya Canada.

Buja Media

Leave a Comment