MuburundiPolitike

Varisito Ndayishimiye Umukuru w’Igihugu ariko aganira n’abatwara ibinyamakuru ku kirimba kwa Ntare Rushatsi.

Evariste Ndayishimiye ariko aragirana ikiyago n’abaserukira ibinyamakuru bikorera mu Burundi kuruyu wa mbere igenekerezo rya 01 Kigarama 2025 mu kirimba kwa Ntare Rushatsi ahakorera Umukuru w’Igihugu. Amakuru dukesha bimwe mu bimenyeshamakuru vyitavye ubwo butumire yishuye ibibazo bitandukanye  harimwo ikibazo c’umuvuduko muke wa Interinete. Varisito abonako ”gifatiye kuri “monopole”, aho usanga hari ishirahamwe rimwe ritanga iyo seruvisi”, ivyo yita “ubugunge”. 

Muri co kiganiro cataguye isaha zibiri zo mu gatondo kikaza guhera isaha icenda habonetsemwo bamwe mubatwara ibinyamakuru bitandukanye harimwo n’aboshi ( Influenceurs ) , bakorera ku mbuga ngurukana bumenyi nka NellyNat Burundi, Simbizi Wa Semavumba, Landrypromoter Bdi, Cheval,  Chazel  n’abandi,abo n’abo nyene bakaba baje kugirango baterere ivyiyumviro vy’ukungene igisata bakoreramwo cohinyanyurwa kugirango giterere mw’iterambere ry’igihugu. Kurico kibazo, Umukuru w’Igihugu asaba ubushikiranganji bujejwe kumenyesha amakuru kuraba ukuntu hojaho ibibanza rusangi aho abantu boronka “connexion” ya gusa. Abona ko ivyo bibanza vyoba nko kuri Jardin Public na Place de l’Indépendance.

Abamenyeshamakuru batandukanye bitavye ico kiganiro.(Photo: Ikiriho)

Varisito Ndayishimiye yavuze ko ico kiyago catunganijwe inyuma y’aho yari agize imisi agendera abanyagihugu mu ntumbero yo kuyaga ivy’igihugu: “Ubu rero dushaka kuyaga namwe kuko twayaze hariho ivyo mutahura kare, hamwe n’uwugize ico ashikiriza mumubwira ati ivyo uvuga n’ivyo canke uriko urahuguza.”

Ivyo biruko mu gihe Umukuru w’ Igihugu atanguje ico yise “Jamais sans les médias” mu 2021, ni ubwa mbere Umukuru w’igihugu yicaranye n’abamenyeshamakuru mu kiganiro kidasanzwe. Bitegekanijwe ko kiza gusozerwa isaha icenda z’umuhingamo.

Related posts

Mark Joseph Carney ninde, yabaye umushikiranganji wa mbere muri Canada.

Buja Media

Intara zigize Gitega nshasha, zakoreye ibikorwa rusangi hamwe.

Buja Media

“Intango nshasha y’urugendo mw’iterambere”, ubutumwa buri mu gitabo gishasha cahawe Umukuru w’Igihugu.

Buja Media

Leave a Comment