Imibano

Ndabakenga Daniel yatanguje igikino “Ninde” bamusezeye ubwa nyuma.

Kuruyu wa gatandatu igenekerezo rya 14 Gitugutu, barashinguranye iteka umuhisi Ndabakenga Daniel azwi kw’itazirano rya Ndada yaryamiye ukuboko kw’abagabo, akaba ariwe yatanguje igikino “Ninde” benshi bamenyemwo abakinyi nka ba Kireko na ba Munyare.Ni igikino yatanguje mumwaka wa 1982 gushika na nubu kikaba kigikundwa n’abatari bake. Yitavye Imana hari ireresi yise “Iherezo ryiza” iyi akaba agiye atarayisohora.

Ndabakenga Daniel yatanguje igikino “Ninde”.

Ndabakenga Daniel ntiyatanguje igikino Ninde gusa, yaratanguje n’ibindi bikino vyaca kw’iradiyo y’igihugu, aha twovuga nk’igikino “Nkina Nkebura” hamwe n’igikino “Wari ubizi”Ndabakenga Daniel, yararanguye ibitari bike mugihugu, mbere no mubusaza bwiwe akaba atahagaritse, aho nko kuva mumwaka wa 2018 yatanguje amareresi yakorera ahanini mw’ishengero ry’abagenzi i Gitega, afashijwe n’umurwi yatanguje muri iryo shengero.Yari amaze gusohora amareresi abiri aganisha kw’ijambo ry’Imama, iyambere akaba yari yayitaziriye “Umugenzi w’ukuri” iyi ikaba yari igizwe n’ibice bibiri. Ireresi ya kabiri yayitaziriye “Mugusenga muragaba”

Mwomenya yuko Ndabakenga Daniel ari mubatanguye gukoresha ivyuma vy’amasanamu mumyaka ya za 70.Umuhisi ashengeye yakorera mugisata c’ubushikiranganji bw’inyubako, ashengeye ariko yandika ireresi yataziriye “Iherezo ryiza” iyi akaba agiye atarayisohora.

Related posts

N’akahe karusho ko kuganira k’ubuhinga bwo kunywanisha urwaruka mu kibano?

Yvan Manager

Angeline yagendeye umuvyeyi bashatse kwica kugira bamutware itongo.

Yvan Manager

Mpfubusa akora mu bushikiranganji bw’intwaro yasiguriye uko ukuntu akora ubworozi bw’inkwavu.

Yvan Manager

Leave a Comment