Mumahanga

Ruto yipfuzako Abanyafrika bokwinjira muri Kenya batarinze gusabwa Visa mu 2024

Igihugu ca kenya kiripfuza yuko uyu mwaka wohera ata ruhusha rwo kwinjira murico gihugu bita Visa coba kikirihisha kubantu bose bava mu bihugu vya Afrika boba bagisaba nkuko vyashikirijwe n’Umukuru w’Igihugu ca Kenya Wiliam Ruto yarashimikiye ku kamaro ko gukuraho iyo Visa, mu kuvuga ko ata kamaro zigifise hari Yatangaje ko mu mpera z’uyu mwaka ata munyafrika numwe azosubira gusabwa visa kugira ashobore kuza muri Kenya. William Ruto afatiye kubimaze iminsi umuryango w’Ubumwe bw’Afrika umaze igihe ukurikirana umugambi wo kworohereza uruja n’uruza rw’abantu ku mugabane wa Afrika ata visa zibanje gusabwa.

William Ruto afatiye kukuntu ingendo z’Abanyafrika ari zike  muriyi minasi  mu bihugu vya muri kano karere kuyu mugabane wa Afrika  mu gihe hari amasezerano yabaye hagati y’ibihugu n’uturere tugize uwo mugabane, kuri Ruto abonako intambwe mu ntumbero yo gukuraho visa ku banyafrika bagira ingendo zarikweze.

Perezida wa Kenya, William Ruto, mw’ijambo yashikirije, Yatangaje ko mu mpera z’uyu mwaka ata munyafrika numwe azosubira gusabwa visa kugira ashobore kuza muri Kenya., yarerekanye ingaruka mbi zo gusaba visa ku bagira imirimo y’ubudandaji, abarwizatunga n’abagira ingendo.

Mwomenya yuko amazinga ya Seyishele n’ibihugu vya Gambiya na Benin ni vyo vyonyene birekurira Abanyafrika bose kuvyinjiramwo ata visa babanje gusabwa gushika muruyu mwaka wi 2023.

Related posts

Umwami w’Ubwongereza yemanze amabi bakoreye Kenya mugihe c’ubukoroni.

Yvan Manager

Sarah Wilkinson, yamaze imyaka 20 yegeranya uburyo yirongora wenyene.

Yvan Manager

Kenya: Abantu 238 bahagaritswe,abapolisi 31 barakomereka mu migumuko.

Yvan Manager

Leave a Comment