UbutunziUmutekano

Rusasuma igira 4: Bikuru bikuru vyerekana itandukanye n’izimaze kuba.

Muri myandagagaro na nyakanga 2024 hazotangura igikorwa co gusasuma abarundi. Ico gikorwa gitunganijwe na BCR, ibiro bikuru bijejwe rusasuma bifadikanije n’ikigo c’igihugu kijejwe kwegeranya ibitigiri mfatirwakongingo. Nkuko bishikirizwa na Alexis Nimubona, umuyobozi ajejwe ubuhinga mu biro bikuru vya rusasuma.Ibizova murirwo bizofasha mu kumurikira abashinga imigambi mu gihugu kuko bazoronka amakuru nkenerwa yerekeye ubuzima bw’abanyagihugu.
Ashikiriza ko iruhande yo guharura abarundi, ico gikorwa kizofatanya no gusasuma ibisata biraba uburimyi n’ubworozi.
Nicolas Ndayishimiye, umuyobozi w’ikigo INSBU avuga ko aho iyo rusasuma itandukaniye n’izimaze kuba nuko ubu hatazokoreshwa impapuro nka kera ahubwo hagiye gukora ubuhinga bwa none(géoreferencement).
Image
Kubera ubwo buhinga ngurukanabumenyi, nta mukozi wa rusasuma azobesha kuko ivyuma nivyo bizokwerekana ibibanza yashitsemwo mu gusasuma. Muri ubwo buryo bwo gukora , Ndayishimiye ashikiriza ko ata kwihenda canke kwandika umuntu incuro zibiri kuko ivyuma nyabwonko bizigama uwo wese aciyemwo. Kubwa Nicolas Ndayishimiye ico gikorwa ntikizozimba ugereranije n’ibikorwa birimwo. Akandi karusho ngo nuko abakenera kumenya ibitangwa na rusasuma bashoboye kuzobishikira batiriwe bariyunguruza kuko bizoja ku buhinga ngurukanabumenyi. Yabishikirije kuri uno wa kane igenekerezo rya 16 munyonyo 2023 mu kiganiro ca INSBU, BCR n’amashirahamwe y’abakoresha ibiva muri rusasuma kuri hotel Royal Palace.

Related posts

Umwiherero Umukuru w’Igihugu yagiranye n’abadandaza bakuru b’isukari.

Yvan Manager

“Abarimyi ntibihutire gutera” Umushikiranganji ajejwe uburimyi.

Yvan Manager

Inoti ya 10.000,5.000 yakozwe kuwa 4 Munyonyo 2108, ntizoba igikora inyuma ya 17 Ruheshi 2023.

Yvan Manager

Leave a Comment