Inkino

BURUNDI: Ntibucakiriye Namibia ku kibuga citiriwe Intwari

Abarundi batari bake bari bafise icizere ko Uburundi buzokwakirira Namibia hano i Bujumbura ku kibuga citiriwe Intwari .

Kuri Micro y’umumenyeshamakuru wa FIFA i Paris mu Bufaransa kw’igenekerezo rya 27 Ruhuhuma 2023 , Général de Brigade de Police Muyenge Alexandre arongoye ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi FFB Muyenge Alexandre yavuze ibintu bitari bike yashoboye kuyaga n’uwurongoye ishirahamwe ry’umupira w’amaguru Kw’isi FIFA Gianni Infantino.

Atwara Ishirahamwe ry’ Umupira wa Maguru FFB
Mu vyo bayaze harimwo kumushimira kubona FIFA yaremeye kubaterera umusezero w’akijambere ( Synthétique) bazosasa ku kibuga c’Intwari .Muyenge yavuze ko uwo musezero wa kijambere uzosaswa hagati y’ukwezi kwa Myandagaro ( Août) canke Nyakanga ( Septembre) 2023 .

Ivyo rero bikaba vyaciye vyerekana ko Uburundi buzosubira kwakirira inkino zawo muri Tanzania.

Mukibuga ko vyari vyavuzwe ko ico kibuga kizokwubakwa mu mezi umunani ( 8) gusa , gice cugururwa ku musi mukuru w’abakozi igenekerezo rya 1 Rusama 2023 .

Mwomenyako vyari bitegekanije ko Uburundi bwakirira Namibia i Bujumbura muri Ruheshi igenekerezo rya 12 umwaka wa 2023.

Related posts

RÉAL MADRID vs BARCELON: NINDE AFISE MAHIRWE YO GUTSINDA ?

Buja Media

Intamba mu rugamba zanganije na Indonésie.

Yvan Manager

Lionel Messi yatwaye Ballon d’Or igira umunani.

Yvan Manager

Leave a Comment