Mumahanga

Uwuzotanga amakuru yo gufata umukuru wa ADF, Amerika izomuha imiriyoni 5$.

Imiriyoni 5 z’amadorare yatanzwe na Amerika ku muntu wese azogira uruhara mu gutanga amakuru akwiye kugira hafatwe Sake Musa Buluku  umukuru w’umuhari ADF urwanira ku butaka bwa Congo kubera ukorana n’umuhari  w’iterabwoba wiyita reta y’idini rya Isiramu (IS).

‘’Umuhari ADF, urica, ugafata ku nguvu abagore ugakora ayandi mabi menshi afatiye ku gitsina, urahohotera cane abasivire harimwo n’abana”. Iryo tagazo rya reta ya amerika, rivuga ko uwo muhari ujana abana ukabagira abarwanyi, ukabakoresha no mu bitero no mu bikorwa vy’agahato mu gace k’ intara ya beni muri Kivu ya maja ruguru mu buseruko bwa Congo.

Ibindi vyaha ADF bayagiriza ni kwica abenegihugu babasivire barenga ibihumbi no gutera ibisasu mu gihugu c’ Ubuganda. Mu 2020, uwo muhari bawagiriza kwica abenegihugu barenga 849, ivyo bikavurwa mu nama y’umutekano ya ONU. Ibitero vya mbere, ADF yabikoze muri Uganda mu myaka ya 1990.

Mu 2021, Amerika yashize ku rutonde  ADF mu mihari y’ iterabwoba, ni umwe mu mihari irenga 100 ikorera mu burasirazuba bwa Congo.

 

 

 

Related posts

Abanya Gaza bariko bahunga baca ku mupaka Rafah baja muri Misiri.

Yvan Manager

Uburusiya bwemeje ko Prigozhin yapfuye n’isanganya y’indege.

Yvan Manager

NIJERI: Abasirikare 17 bapfuye mu gitero c’Abajihadiste.

Yvan Manager

Leave a Comment