Inkino

FFB: Urutonde rushasha rw’abakinyi nserukiragihugu.

Kuruyu wa kane igenekerezo rya 9 Ntwarante, Étienne NDAYIRAGIJI,umumenyereza w’umugwi nserukiragihugu yatanze ikiganiro ku banditsi hamwe n’abamenyeshamakuru yashize ku mugaragaro abakinyi azifashisha munkino zakivandimwe kumagenekerezo ya 25 na 28 ukwezi kwa gatatu uyumwaka mu gihugu ca Indonesie.

kuberiki wahisemwo abo bakinyi ?

”Uru rutonde nurwa abakinyi 30 tumaze iminsi dukurikirana, k’umukinyi atahamagawe ntibisiguyeko atazohamagarwa canke ko atari umukinyi w’umugwi nserukira gihugu w’Uburundi INTAMBA MURUGAMBA 🇧🇮, k’umukinyi nawe yahamagawe ntibisiguyeko azokwama ahamagarwa ahubwo dutumako umukinyi mugihe tumukeneye tubona yuko ashobora guterera kuruwo mwanya tuba tumukeneyeko”.Etienne Ndayiragije

Mohammed Amissi, yanditse kuri Instagram.

Ku rutonde umumenyereza yatanze murico kiganiro, Mohammed Amissi yanditse ubunyene inyuma y’amasaha 4, abicishije kumbuga ngurukana bumenyi ” Instagram” akaba amenyesheje ko atazoza kumvo zuko imvune ariko yipfuje ko yoza mu kwezi kw’indwi aje gufasha abandi kurondera itike ya CAN.

Related posts

Cecafa Champions League: Buja Queen’s mu 1/2 finale.

Yvan Manager

Ligue des champions: Urukino atanumwe rwafashije, Real Madrid-Manchester City (1-1).

Yvan Manager

Les hippos igiye gutegura ihiganwa y’imirwi yo mu mashure yisumbuye.

Yvan Manager

Leave a Comment