InkinoMuburundi

PlayOffs2025: Les Hippos ihejeje gutakaza urukino rwa mbere itsinzwe na Dynamo.

Umurwi wa Dynamo uhejeje gutsinda bitayoroheye umurwi wa Les Hippos, ku manota 87 kuri 78 mu gice ca kabiri gishira ica nyuma mw’ihiganwa Play Offs risozera ihiganwa rikuru rya Vital’O Basketball League iriko ibera ku kibuga Departements des Sport. Urukino ruhitagura rwari rugoye kumenya uwutahukana itsinzi kuko bagumye barushanya amanota make make.

Les Hippos ihejeje gutakaza urukino rwa mbere mu nkino 4 zisigaye nkuko amategeko agenga Play Offs abimenyesha.Bizosaba ko umurwi umwe ugira itsinzi 3 muri 5 kugira ushike mu gice ca nyuma ca Play Offs. Mu gace ka mbere bagiye mu karuhuko banganya amanota 22 kuri 22. Bagiye mu karuhuko ka 3 Dynamo yamaze kuja imbere bari ku manota 63 -59 ya Les Hippos.Tubibutse ko umugwi wa Les Hippos BBC wari watsinze Dynamo BBC mu nkino zibiri zose bahuye muri uyu mwaka mw’ihiganwa rya Vital’o Basketball League.

Mwomenya ko ejo kuwa Imana bazokina urukino rwa 2 azoba ari isaha zitanu zo mu Burundi.

Related posts

Aloys Ntakirutimana aramutswa ishirahamwe FEBABU.

Buja Media

Volleyball : Ihiganwa ryugurura umwaka 2022-2023

Buja Media

FIFA U-17: Intamba mu rugamba z’abigeme zasezerewe zitsinzwe na Côte d’Ivoire.

Buja Media

Leave a Comment