ImyidagaduroMuburundi

Amagaba yaserukiye Uburundi mw’isabukuru ryo mu karere ka Afrika y’ubuseruko.

Umurwi Amagaba waserukiye Uburundi mw’isabukuru y’imico n’akaranga muri kano karere k’ubuseruko duhurikiyemwo  “Festival of Art and Culture” iza kubera mu gisagara ca Addis Abeba muri Éthiopie kuva 20 gushika 23 Ntwarante 2025 bazoba barikumwe n’ibihugu 11 vyo muri Afrika y’ubuseruko, harimwo: Uburundi, Uganda, Rwanda, Djibouti, Sudani y’Epfo, Somalia, Repubulika Iharanira Demokarasi ya Congo, Tanzania na Kenya ku civugo “Imico n’imigenzo myiza y’akarere,” uwo mugambi uzohuza ibihugu n’intara”.
Kwitaba iyo sabukuru bizokongereza uruhara rudasanzwe imigenderanire y’imico n’ibindi y’ibihugu bazohurirayo na cane ku bijanye n’imico kama n’ubukerarugendo. Umurwi Amagaba waheruka gushira ahabona indirimbo irikumwe n’ amasanamu bise ”Burundi bwiza”. Amagaba bagaragara cane mu bikorwa vyinshi bikomeye harimwo amana akomeye igihugu cakira, mw’ihiganwa rya Miss Burundi ndetse no mubindi bikorwa bishishikariza kwerekana ishusho ryiza ry’imico n’akaranga y’igihugu cacu.

Related posts

Gambie yaratsinze Uburundi, bose baraganya amanota 10.

Buja Media

Ibitsindo 21 vyaranze indwi ya 14 muri Primus Ligue Burundi.

Buja Media

Kayanza: Ishirahamwe Hope for a Better Futur yatanze intebe 200 kuri Ecofo Nyarusange.

Buja Media

Leave a Comment