Imibano

Angeline yagendeye umuvyeyi bashatse kwica kugira bamutware itongo.

Umupfasoni w’Umukuru w’Igihugu Angelina Ndayishimiye yashitse kuruyu wa 5 Gitugutu kuraba umuvyeyi 
Nderetse Espérance wo ku mutumba Gasave, komine Buhinyuza mu ntara ya Muyinga yacumiswe inshinge(zirya zikoreshwa mu kubarira) mu mahaha zimugumamwo n’inkozi z’ikibi zashaka kumwaka ubuzima gutyo ngo bishikirize itongo ryiwe. Ivyo vyabaye mu kwezi kwa Ntwarante aho abo bagizi ba nabi bamuhamagaye abitavye aho bamubwiye , baca bamukorera ico kibi kibishe babanje kumuboreza igufa. Angeline Ndayishimiye yagendeye ibitaro vya Roi Khaled yitwaje n’agakemanyi kagizwe n’ibifungurwa hamwe n’ivyambarwa vyaronkejwe abarwariye bose muri ico gisata c’indembe.
Image
Nk’uko uwo mupfakazi yabitwiganiye, abo bari basanzwe bafitaniye amatati y’itongo, ngo bamucumise ibishinge kugira azopfe mu nyuma . Mu gihe Espérance Nderetse yari yarazungurutse ibitaro bikomakomeye bakamwihebuza ko bidakunda ko bamukuramwo izo nshinge, yahavuye yitura ikigo
Umugiraneza maze bamurangira kuri Roi Khaled . Aho naho abaganga bize ibitandukanye bagiye hamwe baramubaga none ubu barazimukuyemwo ubu amagara yiwe ariko arasubira kumera neza nka mbere.
Image
Nayo Umutambukanyi w’Umukuru w’Igihugu yasavye Abarundi kuvavanura n’umutima w’ubukoko ahubwo ngo bame barangwa n’umutima wo gufashanya kugira bubake ikibano ciza kidafise ikibanza co kwiyumvira kugirira nabi uwundi. Yabivuze kuri uyu wa 05 gitugutu aho yari yagendewe n’umutambukanyi w’umukuru w’igihugu, Angeline Ndayishimiye asanzwe arongoye ishirahamwe Fondation Mugiraneza.
Umupfakazi Espérance Nderetse arashimira abo bamufashije kugira avurwe mu gihe ibitaro vyose yari amaze kwitura bamubwira ko ari ukuja kurindira ico Imana izokora.

Related posts

Igikorane “Connect Africa Conference 2023” cahagaritswe n’ubushikiranganji bukurikirana ivy’amashengero.

Yvan Manager

Ukwahukana, amajambere canke ikiza ?

Yvan Manager

Mpfubusa akora mu bushikiranganji bw’intwaro yasiguriye uko ukuntu akora ubworozi bw’inkwavu.

Yvan Manager

Leave a Comment