MuburundiPolitike

E.Ndayishimiye yahawe igikombe n’ikidari c’iteka mu kumushimira kutwigoro n’uruhara mu guteza imbere inkino.

Uburundi bwakiriye ihuriro ry’amashirahamwe y’amakomite y’ukwinonora imitsi y’ibihugu vya Afirika (ACNOA) izomara iminsi 2 yataguye uyu munsi igenekerezo rya 11 Munyonyo 2025, yuguruwe na Nyenicubahiro Umukuru w’Igihugu Varisito Ndayishimiye aherekejwe n’Umutambukanyi wiwe Angeline Ndayishimiye. Iryo huriro rigira 3  yiga ku vyerekeye uburinganire bw’ibitsina mu vy’inkino.
Umukuru w’amashirahamwe y’amakomite y’ukwinonora imitsi y’ibihugu vya Afirika Mustapha Berraf yashikirije Nyenicubahiro Evariste Ndayishimiye igikombe n’ikidari vy’iteka mu kumushimira ku twigoro n’uruhara rwiwe mu guteza imbere inkino n’ukwinonora imitsi biciye muri CNO. 
Varisito Ndayishimiye ashikiriza ijambo muriryo huriro.
Mw’ijambo ryiwe, Nyenicubahiro Evariste Ndayishimiye yamenyesheje ko uburongozi bw’igihugu bushigikiye cane uburinganire bw’ibitsina mu vy’inkino, biciye mu vyo Ubushikiranganji bushinzwe vyerekeye guteza inkino mu gitsina gore bufatanije na CNO n’amashirahamwe y’inkino.
Nyenicubahiro Evariste Ndayishimiye yibukije ko ataco atazokora mu guteza imbere ukwinonora imitsi kuko ari inkingi y’amahoro n’ukunywanisha abantu, aca agaragaza akanyamuneza ko guhura n’umuryango w’ishirahamwe ry’ukunonora imitsi yamazemwo imyaka 8 arongoye komite yaryo mu Burundi.

Related posts

Kim Yong-nam, uwahoze ari Umukuru w’Igihugu ca Corée du Nord, yitavye Imana ku myaka 97

Buja Media

Faustin avuga ko ivyabaye kubunywero bwiwe ari irempenanya kugira ngo afatwe

Boris IRAKOZE

“CECAFA Senior Women’s Championship”: Uburundi bwatsinzwe 3-0 na Kenya.

Buja Media

Leave a Comment