ImyidagaduroMuburundi

Abigeme bari mw’ihiganwa rya Miss Burundi 2025 baragize isanganya.

Kuwa 9 Ntwarante 2025 abagime bari mw’ihiganwa rya Miss Burundi 2025 baragize isanganya ariko Imana yarakize nta witavye Imana uretse uwariko atwara uwo muduga yakomerets bahejeje igice ca kane gishira ica nyuma kw’ibarabara bava mu ntara ya Gitega baja i Bujumbura nkuko biri mw’itangazo ku bimenyeshamakuru ryagiye ahabona biciye ku mbuga z’abategura iryo higanwa.

Umuduga wari utwaye abagime bari muri Miss Burundi 2025.

Muriyo sanganya harakomeretse uwaratwaye umuduga uri mu bwoko bwa Coaster harimwo kandi n’abari murivyo bikorwa vy’ubuhinga muriryo higanwa. Kubwa Rossalynn KAMARIZA atwara ishirahamwe Ingo ritegura iryo higanwa arabaremesha ko ataco batazokora kugira bakingire umutekano w’abariko barakorana nabo gushika baheze ico gikorwa agashimira abantu bose bababaye hafi ico gihe.

Ivyo biruko mu gihe bari biyandikishije bose hamwe bashika 108 ariko harengana 10 gusa mu gice ca kabiri gishira icanyuma kw’igenekerezo rya 05 Ndamukiza uyu mwaka mu gisagara ca Bujumbura.

Related posts

Umukuru w’Igihugu yashikirije musitanteri mushasha wa Komine Matongo.

Buja Media

BS Dynamik wa myuma watsinze Vision FC wari mu kibanza ca mbere kundwi igira 10.

Buja Media

Varisito Ndayishimiye uko yakiriwe ashitse Serbie.

Buja Media

Leave a Comment