Inkino

Primus Ligue Burundi: Ku musi ugira 23, ryasozerewe gute?

Urukino rwari rwitezwe cane yari Flambeau du Centre na Vital’O kuko rwahuza umurwi wa kabiri n’ uwa gatatu imbere yuko bakina barushanya amanota ane. Urukino rwagiye kurangira kuntsinzi ya Flambeau du Centre itsinze ibitsindo bibiri kuri kimwe ca vital’O bica bituma Flambeau du Centre igumana amahigwe menshi yo gutahukana igikombe c’uno mwaka nayo vital’O itakaza ikibanza ca gatatu kuko umugwi wa Messager Ngozi bakurikirana watsinze umugwi wa Kayanza United bica bituma banganya amanota ariko basumbanya ibitsindo.

Izindi nkino zitatu zabaye kuri uyu w’Imana igenekerezo rya 12/03/2023 zagenze uku:
-MAGARA YB 2-4 Bumamuru FC,  vyatumye Bumamuru iguma kw’isonga mugihe irusha inota rimwe umugwi wa kabiri ariwo Flambeau du Centre
– Message Ngozi 2-1 Kayanza United

Ni mugihe ku musi wa gatandatu igenekerezo rya 11/03/2023 imigwi ine(4)yariko iratana mu mitwe :

Tigre noir 4-2 Aigle noir CS

Elaga Top Junior 2-1 Atletico New Oil Ac.

Inter Stars 0-4 Musongati FC

Buja City2-0 BS Dynamik

Rukinzo yakiriye Olympic Star ku kibuga Urunani mu ntara ya Cibitoke.

Icatangaje benshi nuko ku musi wa gatandatu umugwi wa Tigre Noir watsinze mukuru wabo Aigle noir hariya ku kIbuga Urumuri co mu ntara ya Ruyigi, umugwi wa Tigre noir usanzwe wakirira

Ni mugihe kandi Olympic Star yari yatsinze Rukinzo FC 3-1.
Mwomenya ko umugwi wa Bumamuru FC ubandanya ufashe ikibanza ca mbere n’ amanota 51 mu gihe Flambeau du Centre igira kabiri n’ amanota 50.

Related posts

Umurundi akina muri ligue 1 mu Bufaransa.

Buja Media

Volleyball: ASB i set 3-1 Rukinzo muri final.

Buja Media

Fofila PF: Saidi Sakina yatsinze ibitsindo 13 wenyene, yaciye he?

Buja Media

Leave a Comment