Inkino

Flambeau du Centre na Vital’O, urukino rwitezwe cane kundwi ya 23.

Urukino rwitezwe n’ abantu benshi, ruzohuza umugwi wa Flambeau du Centre wo mu ntara ya Gitega uzoba wakiriye umugwi wa Vital’O ku munsi  w’ Imana igenekerezo rya 12 Ntwarante igihe c’isaha icenda (15h00′) ku masaha yi Bujumbura, kuri stade Ingoma.

Urukino ruzohuza umugwi w’ akabiri nuwa gatatu kurutonde gwimfata kibanza. Munkino zo kundwi ya 22 umugwi wa Flambeau du Centre wanganije  n’ umugwi wa Bumamuru igitsindo kimwe ku kikindi ku kibuga Urunani co mu ntara ya Cibitoke,  nayo umugwi wa Vital’O utsindwa n’ umugwi wa Message Ngozi ibitsindo bibiri k’ubusa ku kibuga Gatwaro co muntara ya Kayanza, imbere yuko bakina urukino barushanya amanota 4 gusa kuko umugwi wa Flambeau du Centre ufise amanota 47.Vital’o ifise amanota 43. Ikintu gikunda kwibonekeza kenshi mu nkino , Flambeau du Centre yakira ni gake ihatsindirwa.

Umurwi wa Flambeau du Centre wo mu ntara ya Gitega.  

Mu nkino 22, Flambeau du Centre imaze gukina, batsinze 14, batsindwa 3, banganya 5, bazigamye ibitsindo 20. Momcilo Medic,umumenyereza wabo niwe yahawe agashimwe nk’umumenyereza yaranze ukwezi kwa Nzero.

Umurwi wa Vitl’o, wo mu gisagara ca Bujumbura.

K’uruhande rwa Vital’o, mu nkino 22 bamaze gukina, batsinzemwo 12, batsindwa 3, banganya 7 bazigamye 10. Mu rukino rwo gutagura, Vital’O yaganije na 1-1 na Flambeau du Centre.

Izindi nkino zitegekanijwe mu mpera y’iyindwi n’izi zikurikira,

ku munsi wa gatandatu igenekerezo rya 11 Ntwarante :

– Top  junior vs Atlético New oil (15h00′)

– Inter Star vs Musongati (15h00′)

– Buja City vs BS Dynamik (15h00′)

– Tigre noir vs Aigle noir (15h00′)

Inkino zo kumunsi w’imana igenekerezo rya 12/3/2023

– MAGARA YB vs Bumamuru (15h00′)

– Message Ngozi vs Kayanza United (15h00′)

Rukinzo yakiriye Olympic Star ku kibuga Urunani mu ntara ya Cibitoke.

Olympic Star itsinze 3-2 Rukinzo, umurwi ukukira igiporisi c’Uburundi nirwo rukino rwonyene rwabaye kuruyu wa gatanu.

Related posts

Vital’O FC: Uburongozi bwarushe.

Yvan Manager

Imirwi 4 yaronse uburenganzira bwo gukina igice ca kabiri.

Buja Media

Muso Sugar muri Primus League Burundi.

Buja Media

Leave a Comment