ImibanoMuburundi

Ikinyamakuru Yaga cemerewe kandi gusubira gukora.

Ikinyamakuru Yaga casubiye kwemerwa gukora n’ Inama y’Igihugu ijejwe gutunganya itangazamakuru mu Burundi CNC yakoranye kuri uyu wa 14 Ndamukiza 2024 inyuma yo kuyihagarika kumvo zuko hari ivyo batabona neza mu kw’ishirahamwe AJEBUDI ryashinze ico kinyamakuru. ikinyamakuru Yaga cari cahagaritswe ivyagateganyo kuwa 27 Ntwarante. Espérance Ndayizeye yanamenyesheje ko akenguruka “ubwitonzi ntangere abajejwe ikinyamakuru Yaga berekanye muri ico gihe.”
 Esperance Ndayizeye atwara CNC yamenyesheje ati: “Ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu bwaratwandikiye ikete ku wa 11 Ndamukiza, butumenyesha ko umuco wari ubuze ko ishirahamwe AJEBUDI risanzwe rikora biciye mu mategeko wabonetse. Duca dufata ingingo yo guhagarika igihano co guhagarikwa vy’agateganyo. Ubu ikinyamakuru Yaga kirashobora gushikiriza amakuru ukuri kwamye”
Mwomenya yuko iyo nama yari yahagaritse vy’agateganyo ico kinyamakuru bivuye ko ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu busanzwe bujejwe amashirahamwe butabona neza dosiye y’ishirahamwe AJEBUDI ico kinyamakuru gikomokako.

Related posts

Amatora 2025: ”Igikorwa co gutanga amakarata yitora cagenze neza” François Bizimana avugira CENI.

Buja Media

BBN: Amarangi arimwo icuma bita ”plomb” bagiye kuyakura kw’isoko.

Buja Media

URUNANI BBC watsinze amanota 235 kurusha iyindi mirwi mur’iyindwi.

Buja Media

Leave a Comment