Politike

Ibintu bikuru bukuru Prezida Varisito Ndayishimiye yakoze muri CUBA mu nama G77..

 

 

Umukuru w’Igihugu c’Uburundi Varisito Ndayishimiye ari kumwe n’Umutambukanyi wiwe Angelina Ndayishimie yaritavye inama y’Abakuru b’Ibihugu n’Amareta bikiri mu nzira y’amajambere G77 n’igihugu c’Ubushinwa,yabereye i La Havane mu gihugu ca Cuba ku mugabane wa Amerika, ishimikiye ku ruhara rw’ibisata vy’ubushakashatsi, ubuhinga n’akanovera mw’iterambere. Iyo nama yari itegekanijwe kw’igenekerezo rya 15 na 16 Nyakanga 2023. Amakuru ndetse n’amasanamu tubikesha ibiro vyo gutanga amakuru mu biro vy’ Umukuru w’ Igihugu.

ImageVarisito Ndayishimiye yashimikiye ku gushira hamwe n’ugufashanya bibwirizwa kuranga ibihugu bikiri mu nzira y’amajambere vya G77 n’ Ubushinwa, no kugira uruhara mpuzamakungu bimwe biboneka mu gutorera inyinshu ibibazo bitandukanye bihanze isi.

Izindi ingendo zitandukanye yagize murico gihugu ca Cuba nk’akarorero:

ImageUmukuru w’Igihugu c’Uburundi Varisito Ndayishimiye ari kumwe n’Umutambukanyi wiwe Angelina Ndayishimiye, yaragendeye ikigo karuhariwe c’ubushakashatsi mu bijanye no guhingura imiti n’incanco z’abantu, ibitungwa n’ibiterwa.

Image

Umukuru w’Igihugu yagendeye kuri uyu wa 13 nyakanga 2023, ikigo c’uburimyi n’ubworozi “Vista Hermosa” cishinze guteza imbere ugufungura neza.

ImageKuwa 14 Nyakanga, yaragendeye ikigo “Fidel Castro” i Havane, kijejwe kubungabunga no kwamamaza ivyiyumviro vya Fidel Castro, Imboneza mu guharanira ukwiganzura kwa Cuba. Kabaye akaryo keza ko gushinga intahe ku bihuza ico gihugu c’Uburundi kuva kera.

ImageMuri urwo rugendo rwiwe Varisito Ndayishimiye, yashimiye uburongozi bw’iryo shure, ku nyigisho z’akanovera baronsa urwo rwaruka rw’abanyeshure b’Abarundi, ibitanga icizere ku gihugu. Yabasavye kandi kugumana imico nka  kera.

ImageUmwanya w’akanyamuneza ntangere hagati y’Umukuru w’Igihugu c’Uburundi n’urwaruka rw’abanyeshure b’Abarundi biga mu gihugu ca Cuba. Ni mu gihe yari yagendeye ishure kaminuza ry’ubuvuzi ry’i La Havane muri ico gihugu.

Umutambukanyi w’Umukuru w’Igihugu Angelina Ndayishimiye yaragize ingendo murico gihugu kuko afise ayandi mabanga nivyo asazwe afasha haba mu mugambi w’Abatambukanyi b’Abakuru b’Ibihugu (OPDD) no mw’ishirahamwe Umugiraneza.

ImageAngelina Ndayishimiye, yaragendeye ikibanza c’iratiro bita Havane Coloniale hari amazu yubatswe haraciye imyaka itari mike. Baratembereye ikigo kibamwo abageze mu zabukuru munzu indani murico kibanza c’iratiro gifise vyinshi muri kahise ka Afrika.

 

Related posts

Umukuru w’igihugu yuguruye icese urumuri rw’amahoro rugira 17.

Yvan Manager

Paul Kagame yakiriye ubutumwa bwa mugenziwe w’Uburundi.

Yvan Manager

Abashikiranganji bashasha barahiye icese imbere y’Umukuru w’igihugu.

Yvan Manager

Leave a Comment