Ibigezweho

Canal + yabazaniye utuganuke kubakunzi bayo.

Ishirahamwe ridandaza amasanamu Canal + ikorera mu Burundi ryashinze ahabona iminsi yo gutanga ubuganuke ivyo bise mu gifaransa “Festival des Cadeaux” kubantu bose bazogura amashene kuva igenekerezo rya 25 gushika 30Rusama bakazornka ubushimwe butandukanye  harimwo kuronka amahirwe yo gutsindira umwaka wose araba kubuntu.


Nkuko vyashikirijwe n’uwujejwe ubudandaji muriryo shirahamwe, intumbero yabo niyo kugira banezereze abanwanyi babo bakazobaha ubuganuke butandukanye harimwo umwaka wose uraba kubuntu, amezi atatu, imipiri yo kwambara, inkofero, imfuguruzo ryo kugurura ibinyobwa. Iryo higanwa rikazoza riraba kundwi kundwi rikazotagura ukwezi kwa Ruheshi kose.

 Kugira  ushobore kuronka ayo mahirwe, uwuzogura ama inite iminsi yiwe yamuheranye (Reabonnement) canke uguze ku murwi warusanzwe ufise bazoca bamuha kuraba amashene yose iminsi 15 (Tout Canal). Bikazorangira igenekerezo rya 30 Rusama.

Related posts

Léonce Ngabo, Ednaky, Masterland na B Face bavuze iragi Saïdi Brazza abasigiye.

Buja Media

FABLOVE yabwiye abakunzi biwe k’ubukene bw’amafaranga bumurembeje

Boris IRAKOZE

« Arya mazi ahingurwa asigaye arura. Hakwiye kurabwa neza iyo ahingurirwa n’ivyo ahingurwamwo kugira amagara y’abantu akingirwe »

Boris IRAKOZE

Leave a Comment