Ibigezweho

Canal + yabazaniye utuganuke kubakunzi bayo.

Ishirahamwe ridandaza amasanamu Canal + ikorera mu Burundi ryashinze ahabona iminsi yo gutanga ubuganuke ivyo bise mu gifaransa “Festival des Cadeaux” kubantu bose bazogura amashene kuva igenekerezo rya 25 gushika 30Rusama bakazornka ubushimwe butandukanye  harimwo kuronka amahirwe yo gutsindira umwaka wose araba kubuntu.


Nkuko vyashikirijwe n’uwujejwe ubudandaji muriryo shirahamwe, intumbero yabo niyo kugira banezereze abanwanyi babo bakazobaha ubuganuke butandukanye harimwo umwaka wose uraba kubuntu, amezi atatu, imipiri yo kwambara, inkofero, imfuguruzo ryo kugurura ibinyobwa. Iryo higanwa rikazoza riraba kundwi kundwi rikazotagura ukwezi kwa Ruheshi kose.

 Kugira  ushobore kuronka ayo mahirwe, uwuzogura ama inite iminsi yiwe yamuheranye (Reabonnement) canke uguze ku murwi warusanzwe ufise bazoca bamuha kuraba amashene yose iminsi 15 (Tout Canal). Bikazorangira igenekerezo rya 30 Rusama.

Related posts

Bumamuru na Flambeau du Centre, urukino rutari rworoshe.

Buja Media

Jimmy Ndayizeye na Saido Berahino bari mu batoye Messi muri FIFATheBest

Admin

Ali Bongo aridegemvya afise n’uburenganzira bwo kuja kwivuza hanze.

Buja Media

Leave a Comment